IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umugwi w’abaririmvyi Seraphim’s Songs uzoja mw’ihiganwa Kora Music Awards (...)

Umugwi w’abaririmvyi Seraphim’s Songs uzoja mw’ihiganwa Kora Music Awards 2012

mercredi 21 Munyonyo 2012

Umugwi w’abaririmvyi b’abarundi witwa Seraphim’s Songs uzoja mu mahiganwa mu kwezi kwa Kigarama mu gihugau ca Cote d’Ivoire. Ayo mahiganwa yitiriwe ‘’Amahoro muri Afirika azokwitabwa n’umuririmvyi rurangiranwa Chris Brown.

Jean Francois Regis Hakizimana arongoye igista co kumenyesha amakuru muri uwo mugwi avuga ati’’Turaryohewe kandi vyerekana ko ivyo dukora n’abandi babibona’’. Amenyesha ko bizotuma abakunzi baba benshi na nyarirya ari umugwi wa mbere uririmba indirimbo z’Imana ugiye mu mahiganwa nk’ayo muri kano karere u Burundi burimwo. Asaba abarundi bose aho bari kubashigikira kugira bazotahukane intsinzi.

Kugira ngo hatorwe imigwi izokwitaba ayo mahiganwa, mu gice kimwe kimwe harimwo imigwi 24. Amatora yaciye ku buhinga bwa none ku muhora witwa Kora Music Awards, mu butumwa bugufiya bwa terefone, kuri You Tube no ku mboneshakure. Amanota ya nyuma azomenyekana mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama hanyuma hace hatangwa udushimwe.

Eka n’umuririmvyi akomeye w’umurundi Kidumu yaratowe mu gice c’abahungu baririrmba muri Afirika y’ubuseruko.

Hatowe imigwi itandatu y’abaririmba indirimbo z’Imana. Hari hahiganywe abantu barenga amajana atanu bari mu migwi irenga mirongo ibiri n’ine.

Umugwi Seraphim’s Songs wagize amahirwe mu Burundi wavutse mu mwaka w’2006, nta n’agafashanyo na gatoya uronka kavuye hanze y’u Burundi nkuko bivugwa n’uwujejwe kumenyesha amakuru.

Ayo mahiganwa yatanguye mu mwaka w’1994, atangujwe n’umuntu yitwa Ernest Coovi Adjovi, ava mu gihugu ca Benin. Igihugu ca Cote d’Ivoire nico kizotunganya amahiganwa y’uyu mwaka.


Iwacu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.