Umurwi wa Navy Kenzo umenyesha ko uzi abaririmvyi babiri gusa mu Burundi

Yanditswe na Cherif NKESHIMANA
Kuya 2 Nyakanga 2017 saa 05:55
Yasomwe : 11115
0 0

Abagize umurwi wa Navy Kenzo bamaze gushika mu Burundi kuri uwu wa gatandatu bemeje ko bazokora ibishoboka vyose kugira baryohere abakunzi babo. Eka n’uwoshaka gukora nabo yahawe ikaze naho hari ivyo asabwa.

Mu gitondo c’uwu wa gatandatu igenekerezo rya kabiri Nyakanga, niho umurwi Navy Kenzo washika ku kibuga c’indege c’i Bujumbura. Mu kiganiro bagiranye n’abamenyeshamakuru, bemeje ko aho bukera bazobica bigacika narirya ari ubwa mbere baje mu Burundi. Nk’uko babishikirije, bahisemwo gukorera igiteramo mu Burundi kubera bazi ko bafise bahafise abakunzi benshi.

Navy Kenzo bavuga kandi ko biteguriye gutambana n’abakunzi babo muri ico giteramo. Bavuga kandi ko biteguriye gukorana n’umuririmvyi wese avyipfuza ariko afise ico amaze gukora. Navy Kenzo bavuze ko mu baririmvyi b’Abarundi bazi Kidum na Fizzo naho uwo agira kabiri bavuga ko akunze kuririmba mu Kirundi.

Kuri Lacoste Beach, nta muririmvyi w’umurundi yari kumwe nabo yaba Fizzo, Lolilo na Peace&Love bazokorana igiteramo.

Tubibutse ko Navy Kenzo ari umurwi w’abaririmvyi bo muri Tanzaniya ugizwe na Emmanuel Mkono aririmba kw’izina rya Nahreel n’umwigeme Aika. Abo babiri bakaba bamaze imyaka irenga icumi bakundanye.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha