Umushikiranganji w’ibidukikije asaba abarundi bose gukingira amashamba

Yanditswe na IGIHE
Kuya 22 Ntwarante 2017 saa 03:10
Yasomwe : 3870
0 0

Umushikiranganji w’ibidukikije, amatongo,amazi no gutunganya ibisagara Célestin NDAYIZEYE arashimira abafasha bose mu gukingira ibidukikije,agahamagarira umuntu wese gukingira ibidukikije.
Mw’ijambo yashikirije mu gihe Uburundi bwifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amashamba, umushikiranganji w’ibidukikije Célestin NDAYIZEYE amenyesha ko atewe impungenge n’igene ibinyabuzima biri mu mashamba bibandanya guhungabanywa.
Umushikiranganji w’ibidukikije, amatongo,amazi no (...)

Umushikiranganji w’ibidukikije, amatongo,amazi no gutunganya ibisagara Célestin NDAYIZEYE arashimira abafasha bose mu gukingira ibidukikije,agahamagarira umuntu wese gukingira ibidukikije.

Mw’ijambo yashikirije mu gihe Uburundi bwifatanya n’amakungu mu guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe amashamba, umushikiranganji w’ibidukikije Célestin NDAYIZEYE amenyesha ko atewe impungenge n’igene ibinyabuzima biri mu mashamba bibandanya guhungabanywa.

Umushikiranganji w’ibidukikije, amatongo,amazi no gutunganya ibisagara Célestin NDAYIZEYE amenyesha ko guca ibiti nabi,gucukura ubutare n’amabuye, hamwe n’imiriro ya nyakanga, ari bikuru bituma amashamba ahona.

Umushikiranganji w’ibidukikije amenyesha ko Reta y’Uburundi ataco itazokora kugira ibandanye gukingira ibidukikije, hamwe n’ibinyabuzima biba mu mashamba kugira ibiva mu mashamba bibandanye kuboneka.

Umunsi mpuzamakungu wahariwe amashamba, uhimbazwa kw’igenekerezo rya 21 Ntwarante,uko umwaka utashe.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha