Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Umushikiranganji w’ibidukikije asaba abarundi gukoresha ibikoresho bitonona (...)
Umushikiranganji w’ibidukikije asaba abarundi gukoresha ibikoresho bitonona ibidukikije
mardi 13 Ruheshi 2017
Mu birori vyo kwugurura ku mugaragaro indwi yahariwe ibidukikije, umushikiranganji Celestin NDAYIZEYE yamenyesheje ko umuntu adashobora kubaho atabidukikije biriho, ari naco gituma ubushikiranganji bwama butunganya amanama n’ibiganiro bica mu binyamakuru bivuga ku gukingira ibidukikije.
Mu gutorera inyishu ikibazo c’ibiti bihonywa, umushikiranganji w’ibidukikije, amazi, amatongo no gutunganya ibisagara yavuze ati : «Twijukiye gukoresha ibikoresho bitonona ibidukikije, hazokwononekara ibiti bike, hazohonywa bike. »
Uwo mushikiranganji yamenyeshe ko mu guhimbaza indwi yahariwe ibidukikije ari akaryo keza ko kwibukanya akamaro ntangere ko gukingira ibidukikije ku neza y’igihugu c’Uburundi n’abakibamwo bose.
Celestin NDAYIZEYE yagarutse ku bikorwa bihungabanya ibidukikije bigatuma haba ingaruka mbi ku buzima bwa kiremwamuntu, harimwo imiriro ya nyakanga, guturira amashamba, kwimba amabuye y’agaciro, guca ibiti barondera inkwi canke ibiti vyo gusanura amazu.
Yavuze ati: «Kubera ivyo vyose, ni akanya ko kurabira hamwe ibihungabanya ibidukikije vyose kugira twikebuke, dufate ingingo zibereye duhereye aho tubaye ku neza y’imiryango yacu.»
Ibirori vyo kurangiza indwi yahariwe ibidukikije mu Burundi bizobera mu ntara zose zigize Uburundi, ariko ibirori nyezina bizobera muri zone Bugarama, iri mu ntara ya Muramvya ku civugo : ’’Dukingire ibidukikije, duhangane n’ihindagurika ry’ibihe’’.


MUGISHA Van Naris