IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umusore yagenze ibirenge birashuha arondera umukobwa atahira (...)

Umusore yagenze ibirenge birashuha arondera umukobwa atahira gufungwa

dimanche 25 Munyonyo 2012

Uwo musore ava mu gihugu ca Turikiya afise imyaka 38 yagenze urugendo rurenga ibirometero ibihumbi bine kuresha umwigeme wo mu gihugu c’u Bwongereza. Aho kuronka ico yarondera yatahiye gufungwa.

Umusore Ramazan Noyan Culum yasanze umwigeme Courtney Murray mu nzu y’uburiro mu gihugu ca Chypre mu mwaka w’2005 aho uyo mwigene yakora. Uyo musore yari umugwizatunga, yavuye ngaho amukunze acagenga atwaye na nimero ya terefone yiwe.

Umusore utanka yagumye asaba uwo mwigene ko bohura bagatera rya renga ariko nawe ariyankira. Mu nyuma wa mukobwa afata ingingo yo kuja kurongorwa mu gihugu ciwe mu Bwongereza.

Kubera umusore yari yafashwe n’urukundo, ntiyarekeye aho. Yahavuye amuronka akoresheje ubuhinga bw’ingurukana bumenyi kuri facebook. Abona kumusigurira ingene yifuza kumusanga iwabo. Ariko umwigeme aramwankira amubwira ko yamaze kurongorwa.

Inyuma y’amezi atatu ibiganiro vyashushe, wa muhungu Ramazan Noyan Culum aca yihereza ubwato butoya bufise imetero zitanu zitarenga. Urugendo rwamaze amezi indwi ari mw’i Bahari. Yahagiriye amakuba menshi cane. Uretseko ihindagurika ry’ibihe ryahatswe kumwicira mw’i Bahari, yagenda arahagarikwa kenshi mu Butaliyano no muri Epagne kuko ata mpapuro za nkenerwa yarafise.

Inasenge umwigeme yarabwiye umusore ko niyahirahira akaja mu Bwongereza azotahira gufungwa .

Wawundi ati uwakunze ameze nk’umusazi, ntiyabeshe. Umusore we ntiyumvise ico yabwiwe, yagize ati ‘’Muzopfuma mumfungisha canke mundeke twubakane n’umwigeme nakunze’’.

Ntiyaronse umwigeme yakunze ariko yaronse ikindi. Muri kino gihe igipolisi camufatiye mw’i Bahari y’amazi yo mu Bwongereza gica kiramufunga, arindiriye kwirukanwa ngo asubire mu gihugu iwabo.


Alexis D.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.