IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Umwana yavutse umutima wiwe uri hanze

Umwana yavutse umutima wiwe uri hanze

lundi 26 Munyonyo 2012

Umwana yitwa Audrina yarakize ku gihamana mu bitaro vyo mu gisagara ca Texas muri reta zunze ubumwe za Amerika. Uwo mwana yari yavutse afise umutima uri inyuma y’igikiriza.

Ibitaraboneka. Mu gisagara ca Texas hari umwana yavutse afise umutima uri hanze. Imana yarakinze uwo mwana yitwa Audrina abaganga barashoboye kumubaga barasubiza uwo mutima mu kibanza.

Abahinga bavuga ko iyo ngwara yitwa Ectopia cordis, ngo ifata n’imiburiburi abana umunani ku mulioni umwe. Ariko ngo amahirwe yuko umwana afise iyo ngwra akira ni make cane, ngo ashobora kwitaba Imana akivuka canke amaze iminsi itatu gusa. Siko vyagenze kuri Audrina kuko wewe abaganza baramukijije naho vyabatwaye umwanya munini, amasaha umunani yose kugira umutima usubire mu kibanza cawo.

Abaganga karuhariwe babinonosoye mu kubaga abantu nibo babaze Audrina mu bitaro vyitwa Odessa. Umuganga mukuru yabwiye abamenyeshakuru ati’’Audrina n’umwana azi kwigwanira kuko yaradufashije kugira tumubage neza’’.

Naho yatashe muhira, abaganga bavuga ko uwo mwana agikeneye guhabwa iyindi miti kugira akire neza umutima utere ata ngorane asubire kuba umwana nk’abandi.
Abavyeyi biwe akanyamuneza ni kose, nyina wiwe yavuze ko ata nkeka umwana wiwe azotera imbere kubera yagarukiye ku cobo.


Eric H.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.