Uwaserukira igisagara ca Bujumbura muri Miss Burundi 2017 yavuye mw’ihiganwa

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 16 juin 2017 saa 03:11
Yasomwe : 19332
0 0

Uwaserukira igisagara ca Bujumbura mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 Ornella HATUNGIMANA yavuye mw’ihiganwa aca asubirizwa n’uwamukurikira mu manota.

Nkuko biri mw’itangazo ryateweko umukono n’uwujejwe kumenyesha amakuru mw’ihiganwa Miss Burundi 2017 Andre HAKIZIMANA kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2017,Ornella HATUNGIMANA yaserukira igisagara ca Bujumbura ntakiri mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2017.

Muri iryo tangazo, uwo ajejwe kumenyasha amakuru mw’ihiganwa Miss Burundi 2017 amenyesha ko bisunze amategeko agenga ihiganwa Miss Burundi 2017, HAKIZIMANA Ornella aca asubirirwa n’uwamukurikiye mu manota mu gihe co guhitamwo abaserukira intara,uwo nawe akaba ari INGABIRE Krissa Carelle.

Andre HAKIZIMANA ajejwe kumenyesha amakuru arangiza ashimira abari mw’ihiganwa rya Miss Burundi 2017 ingene bakora batiziganya, akemera kandi ko amatora yo gutora Miss Burundi 2017 azoba ata kanenge.

Abigeme 18 nibo bari mw’ihiganwa rya Miss Burundi baserukira intara zose z’igihugu.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha