Accueil > Kwidagadura > Ubwongereza : Umusore yemeza ko Jay-Z ari se wiwe
Ubwongereza : Umusore yemeza ko Jay-Z ari se wiwe
lundi 23 Ruhuhuma 2015
Mu gihugu c’Ubwongereza havugwa amakuru y’umusore w’imyaka 21 y’amavuka, azwi kw’izina rya Rymir Satterthwaite, yemeza ko ari umuhungu wa Jay-Z nubwo Jay-Z abihakana.
Mu binyamakuru vyo mu Bwongereza havugwa amakuru ko hari umusore avuga ko ari umwana w’umuririmvyi wo mu mudiho wa Rap, Jay-Z. Uwo musore yitwa Rymir Satterthwaite, aturuka mu gihugu c’Ubwongereza, akaba yemeza ko Jay-z ari se wiwe, mbere n’ibimenyetso uwo musore yerekanye bigaragaza ko Jay-z yoba afitaniye isano n’uwo musore.

Raymir asigura ko Jay-z yari umukunzi wa nyina wiwe mu mwaka w’1990, mu nyuma bagikundanye na nyina wiwe, uwo muhungu yaravutse. Uwo muhungu yongera avuga ko Jay-z yagiye abinyegeza, mbere agenda anyegeza ibimenyetso vyerekana ko yavyaye ahandi kugira ntibitere icuka kibi hagati yiwe na Beyonce.
Umuganga karuhariwe muvyo kubaga urukoba, aremeza ko uwo musore atigeze yibagisha kugira ase na Jay-z mugabo akavuga ko umuntu aravye amasura yabo uko ari babiri ukuntu basa, boba bafitaniye isano.
Umuvigizi wa Jay-Z nta vyinshi yabivuzeko, mugabo amakuru yandi akemeza ko uwo musore yoba agomba amafaranga yo kuriha amashuri yiwe.
Mwomenya ko ari ubugira kabiri Jay-z yagirijwe kuvyara umwana akamwihakana. Umunyamuderi Shanelle yarareze Jay-z ko bavyaranye umwana w’umuhungu mu mwaka w’2011, nubwo Jay-z yabihakanye. Jay-z yaciriwe ihadabu kubera basanze mu vyangombwa vy’uwo mwana harimwo amazina ya Jay-z.
Lorene Nubwabo