IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Benjamin Mkapa yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA

Benjamin Mkapa yahawe umubonano n’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA

vendredi 18 Ntwarante 2016, par egide

Benjamin Mkapa, umuhuza azofashanya na Yoweri Kaguta Museveni mu biganiro vy’Abarundi yashitse i Bujumbura mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, akaba ahava abonana n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Benjamin Mkapa ashitse i Bujumbura mu gihe urwaruka 41 rwahora rupfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya rwarekuwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kane.

Abo barekuwe bahora bagirizwa imigumuko, mu kuja mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, bakaba bari bafatiwe i Bujumbura kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2015.

Sentare nkuru ikukira igisagara ca Bujumbura yahaye abo barekuwe umwidegemvyo w’agateganyo. Iyo sentare nyene yambitse izera abandi batandatu bagizwe n’urwaruka rwahashwe kw’igenekerezo rya 13 Kigarama 2015, inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi ya gisirikare ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama 2015.

Benjamin Mkapa i Bujumbura : Amafoto


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.