Accueil > Kwidagadura > Igisagara ca Bujumbura cinjiye mu mwanya mwiza w’ibiteramo
Igisagara ca Bujumbura cinjiye mu mwanya mwiza w’ibiteramo
vendredi 9 Rusama 2014
Impera y’iyi ndwi ibonekamwo ibiteramo vyinshi bitandukanye mu gisagara ca Bujumbura. Abakunzi b’ibiteramo ntibazokwidoga muri iyi minsi.
Ababiteguye n’aho bibera n’uko bikwirikirana aha munsi:
1) Mu kigo c’abafaransa haza kuba"Théâtre"yateguwe n’umurwi mushasha "La Troupe Umushwarara. Uwo murwi wavutse inyuma y’inyigisho z’ibijanye n’amareresi zitangiwe muri ico kigo. Mu giteramo bitiriye"Veillée pour la Paix", "Le Spectre du Prince"yerekanwa kuva igihe c’isaha imwe y’ijoro. Raba ibikwirikira ku rupapuro ntangaza giteramo.

2) Ikigo citaho abana ba ntahonikora mu Burundi "S0S" catunganije igiteramo c’urwaruka bita "kermess", hazoba ari ejo aho bukera. Ni mu ntumbero yo guheraheraza kwegeranya interanrano yo gufasha abo bana. Kizotangura igihe c’isaha 6 z’umurango(12h00). Iyo "kermess"yatumiwemwo umuririmvyi wo mu gihugu ca Kenya azwi kw’izina rya Jaguar, azofadikanya na Yoya.

3) Ku munsi w’ejo nyene murazi ko muri "Le cercle"hazobera igiteramo ca mbere c’inzu ihinyanyura imiziki "African Sound Records". Vyinshi kuri ico giteramo twarabibabwiye.

4) Ejo nyene muri "Kiss Club"iri ahahoze hitwa "Gymnase" umuririmvyi Jaguar niho azohereza ibiteramo yitavye i Bujumbura.

5) Ku munsi w’Imana, umunsi mukuru kuba "Rasta"wokwibuka umwami w’umudiho wa Raggae hoho azoba ari ibirori mu gisagara cose ca Bujumbura. Ahamaze kumenyekana ni kuri Vouvouzela. Umurwi wa Lion Story uzobica bicike. Muri uwo mwanya nyene, umurwi wa Peace and Love azoba uriko uracuraranga bikwiye ahitwa "Muhira Bar", eka n’abandi benshi nk’umurwi wa Prophet’s Voice utaratumensha aho uzogirira.

Chérif Nkeshimana