IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Impanuro ndwi ku bigeme bimirije gukora ibirori vy’ubukwe

Impanuro ndwi ku bigeme bimirije gukora ibirori vy’ubukwe

mardi 24 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Umunsi w’ubugeni ni umunsi w’imbonekarimwe aho umwe wese yipfuza gusa neza. Kugira rero umuntu ashobore kwirinda umwitwarariko urenze kuri uwo munsi canke indwi ikwirikirwa n’umunsi w’ubugeni, hari impanuro zatanzwe n’umuhinga mu vyerekeye ubwiza yitwa Leatitia Rebulleau kugira umuntu ashobore kuba asa neza.

1. Umuntu yobanza kuba aramenyereza ivyo azokwisiga canke ivyo azosokoza kuri uwo munsi.

N’ubwo woba wizeye cane umwe usanga amenyereye kugusokoza ni vyiza ko ubanza kwisuzuma imbere ukagerageza insokozo ubona yokubera, ikindi n’uko utokwibagira kuraba ibisharizo vyo ku mubiri, nk’ibidede, amahereni, igishungi n’ibindi, kugira umenye neza ko uzoba wambaye neza, ntuhuruduke wambara ikitajanye n’ikindi.

2. Ikigira kabiri ni kuba umuntu azi neza ico yipfuza navyo birafasha cane.

Abahinga bavuga ko udashobora kugerageza insokozo zose zibaho mu kugira urabe iyikubereye, ariko rero kugenda ufise mu mutwe igicapo c’ivyo wipfuza biratuma uwugupodora neza ashobora kubikora neza cane.

3. Ikigira gatatu naco, ni uko umuntu yokwemera impanuro z’abagenzi we canke abamukikuje

Eka mbere, ni vyiza kwumviriza abo baba basanzwe bazobereye muri uwo mwuga kuko bafise ivyo bagufasha vyinshi bijanye n’ukuntu woberwa.

4. Kwirinda kwisiga amavuta mashasha umubiri wawe utamenyereye urubanza rwegereje

Mu ndwi za nyuma umunsi w’ubugeni wegereje umuntu yokwirinda gukoresha amavuta mashasha canke ibindi bintu vyo kwisiga umubiri uba usanzwe utameneyereye, kuko bishobora kugutera amaherehere canke izindi ngorane.

5. Ikindi bavuga ko atari vyiza kumwa ingohe kuri urya munsi w’ubugeni nyene

Abenshi baravuga ko atari vyiza kumwa ingohe ku munsi w’urubanza. Ikiri ciza n’uko ubikora nk’amasaha 72 imbere y’uko ubugeni buba.

6. kwisiga amabara ku nzara ku munsi w’ubugeni

Buca ubugeni buba urashobora guca inzara, ukazisongora canke ukaziringaniza neza uko ushaka, mu nyuma rero ku munsi w’urubanza ugaca aba ariho wisiga ayo marangi yo kunzara, ivyo rero ni ukubisiga imbere y’uko bakumonora hamwe no kugusokoza , kugira ngo bize kwuma mu gihe uriko wisuganya neza.

7. Ku munsi warwo rero uca ugumana ka gasaho kabikamwo ivyo kwisiga

Yaba amarangi yo ku munwa, ibisokozo, uduswaro, amavuta amota neza ,ivyo kwisiga ku ngohe n’ibindi, ivyo rero uca ubiha umuvyeyi wawe, utamufise naho ukabiha umugenzi wawe akwegereye akaba ariwe abigumana kugira uze kuguma wisuganya.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.