Accueil > Kwidagadura > Impanuro ndwi ku bigeme bimirije gukora ibirori vy’ubukwe
Impanuro ndwi ku bigeme bimirije gukora ibirori vy’ubukwe
mardi 24 Ruhuhuma 2015, par
Umunsi w’ubugeni ni umunsi w’imbonekarimwe aho umwe wese yipfuza gusa neza. Kugira rero umuntu ashobore kwirinda umwitwarariko urenze kuri uwo munsi canke indwi ikwirikirwa n’umunsi w’ubugeni, hari impanuro zatanzwe n’umuhinga mu vyerekeye ubwiza yitwa Leatitia Rebulleau kugira umuntu ashobore kuba asa neza.
1. Umuntu yobanza kuba aramenyereza ivyo azokwisiga canke ivyo azosokoza kuri uwo munsi.
N’ubwo woba wizeye cane umwe usanga amenyereye kugusokoza ni vyiza ko ubanza kwisuzuma imbere ukagerageza insokozo ubona yokubera, ikindi n’uko utokwibagira kuraba ibisharizo vyo ku mubiri, nk’ibidede, amahereni, igishungi n’ibindi, kugira umenye neza ko uzoba wambaye neza, ntuhuruduke wambara ikitajanye n’ikindi.

2. Ikigira kabiri ni kuba umuntu azi neza ico yipfuza navyo birafasha cane.
Abahinga bavuga ko udashobora kugerageza insokozo zose zibaho mu kugira urabe iyikubereye, ariko rero kugenda ufise mu mutwe igicapo c’ivyo wipfuza biratuma uwugupodora neza ashobora kubikora neza cane.

3. Ikigira gatatu naco, ni uko umuntu yokwemera impanuro z’abagenzi we canke abamukikuje
Eka mbere, ni vyiza kwumviriza abo baba basanzwe bazobereye muri uwo mwuga kuko bafise ivyo bagufasha vyinshi bijanye n’ukuntu woberwa.
4. Kwirinda kwisiga amavuta mashasha umubiri wawe utamenyereye urubanza rwegereje
Mu ndwi za nyuma umunsi w’ubugeni wegereje umuntu yokwirinda gukoresha amavuta mashasha canke ibindi bintu vyo kwisiga umubiri uba usanzwe utameneyereye, kuko bishobora kugutera amaherehere canke izindi ngorane.
5. Ikindi bavuga ko atari vyiza kumwa ingohe kuri urya munsi w’ubugeni nyene
Abenshi baravuga ko atari vyiza kumwa ingohe ku munsi w’urubanza. Ikiri ciza n’uko ubikora nk’amasaha 72 imbere y’uko ubugeni buba.
6. kwisiga amabara ku nzara ku munsi w’ubugeni
Buca ubugeni buba urashobora guca inzara, ukazisongora canke ukaziringaniza neza uko ushaka, mu nyuma rero ku munsi w’urubanza ugaca aba ariho wisiga ayo marangi yo kunzara, ivyo rero ni ukubisiga imbere y’uko bakumonora hamwe no kugusokoza , kugira ngo bize kwuma mu gihe uriko wisuganya neza.
7. Ku munsi warwo rero uca ugumana ka gasaho kabikamwo ivyo kwisiga
Yaba amarangi yo ku munwa, ibisokozo, uduswaro, amavuta amota neza ,ivyo kwisiga ku ngohe n’ibindi, ivyo rero uca ubiha umuvyeyi wawe, utamufise naho ukabiha umugenzi wawe akwegereye akaba ariwe abigumana kugira uze kuguma wisuganya.
Floxella Karire
Messages
26 Ruhuhuma 2015, 06:50, par ndayisenga30@gmail.com
Murakoze kuduha impanuro nziza cane
26 Ruhuhuma 2015, 06:50, par ndayisenga30@gmail.com
Murakoze kuduha impanuro nziza cane
26 Ruhuhuma 2015, 11:01, par Rupande
Va ngaho utahora uri mwiza uca umuba kubera bagire bakugire? Eka sigaho.