Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB Ibidukikije
Abarundi bagiye guhimirizwa guhangana n’ihindagurika ry’ibihe
Yanditswe taliki ya 11-02-2016 - isaha 20:31' na IGIHE

Imvura nyinshi yaguye mu Burundi bitewe n’ihindagurika ry’ibihe mu kuva muri Nyakanga 2015 gushika Nzero 2016 yarononye ibitari bike, yaba ubuzima bw’abantu yahitanye hamwe amazu atari make yabomotse. Mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije bamenyesha ko bagiye guhimiriza abanyagihugu, babigishe ingene bohangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Ku kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kane, Bernadette HAKIZIMANA, umuhanuzi mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije yamenyesheje ko mu cegeranyo cakozwe mu mezi atanu aheze, basanze imvura nyishi n’imyuzurira vyahitanye abantu 31, abagera kuri 56 nabo barakomereka. Amashure agera kuri 33 arabomoka, ibiraro 43 birasambuka, hamwe n’imirima yononywe n’iyo mvura n’imyuzurira bivuye kw’ihindagurika ry’ibihe.

Bernadette HAKIZIMANA yamenyesheje ko ubushikiranganji bujejwe ibidukikije bugiye gukorana n’ubundi bushikiranganji, kugira bose barabire hamwe ingene Uburundi bwohangana n’ihindagurika ry’ibihe, mu guhimiriza abanyagihugu gutera ibiti hamwe n’ibiterwa birinda inkukura.

Ivyiyumviro vyanyu

ivyo navyo murabyitirira Kagame ?

13.02.2016 à 17:06
jules

imana ibahe kwihangana ababuze mwihangane ejo niheza

12.02.2016 à 06:55
libakale bonifasi

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.