Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Primusic : 20 bazotorwamwo abazoserukira intara ya Bujumbura Marie (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Primusic : 20 bazotorwamwo abazoserukira intara ya Bujumbura Marie (...)

Primusic : 20 bazotorwamwo abazoserukira intara ya Bujumbura Marie bamenyekanye

jeudi 15 Myandagaro 2013

Ihiganwa rya Primusic ririko rigenda ribandanya ibikorwa vyaryo mu ntara zitandukanye z ’ igihugu , muri iyi ndwi ibikorwa vyaryo biriko bibera mu ntara ya Bujumbura Marie aho abaririmvyi 20 bazotorwamwo abazoserukira iyi ntara muri iri higanwa bamaze kumenyekana .

Iyi ntara isanzwe mbere ari umurwa mukuru w ‘ igihugu c Uburundi niho hamaze kuboneka igitigiri kinini c ’ abaririmvyi biyandikishije muri iri higanwa uyu mwaka aho igitigiri cabo kigera kubaririmvyi 140 , muri abo abitavye ihiganwa bari 86 ari nabo batowemwo 20 bazohurira mu giteramo ca Primusic bagahiganirwa ibibanza vy ’ abazoserukira iyi ntara ya Bujumbura mairie .

20 batowe ni : Amissi Jean , Bitariho Halidi , Bizimana Tresor , Habonimana Jimmy , Hatangimana Alexis , Inabeza Gladys , Katihabwa Michèle-Samantha , Mabondo Cynthia , Matabaro Patient , Mbazumutima Libère (Cedric Bangy), Nahayo Georges (Memphis) , Nahimana Mick Richard , Nahimana Platini , Ndayishimiye Thomas , Ndayishimiye SADIKI Michel , Ninteretse Jean Marie Christian , Shima Eddy landry , Uwimana Franck na Vyaribikwiye Jean.

Aba botowe bazohiganwa mu giteramo ca Primusic kizobera hano i Bujumbura , muri komine Kanyosha kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 15 Mukakaro 2013 , aho abaserukira iryo higanwa rya primusic aribo Sat- b na rally- Joe bavuga ko biteguriye guteramisha abanyagihugu nkuko babigenjeje kandi babikomeje mu zindi ntara .


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.