Accueil > Kwidagadura > Shazi Kool Harera ntawuratora irengero ryiwe
Shazi Kool Harera ntawuratora irengero ryiwe
vendredi 3 Nzero 2014
Itegurwa n’ishirwa mu ngiro ry’isabukuru "Gitega Peace Festival" vyateye amakenga n’ibibazo abatari bake. Umwe mu bateguye iryo sabukuru yoba atarasubira kuboneka kuva umunsi isabukuru ritangura.

Twari duherutse kubabwira uko isabukuru «Gitega Peace Festival» ryagenze. Ryategerezwa kumara iminsi ibiri ni kuvuga ku magenekerezo ya 27 na 28 Kigarama 2013 ku kibuga c’i Gitega. Umuririmvyi arongoye umurwi «Vumera Band», Shazi Kool, na Schaddie akora mu biro vya Komine Gitega nibo bari kw’isonga ry’abategura isaburu. Ku munsi wa mbere waryo, uwo muririmvyi yarabonetse mu kibuga mu masaha yo ku mugoroba eka no mw’ijoro ni ho yari. Aho yasa n’umuntu atamerewe neza, ico yatubwiye ni uko ngendanwa yiwe yibwe, ahandi tukibaza ko yari arajwe ishinga n’ukubona abantu atari benshi cane bitavye isabukuru.
- Shazi Kool Harera
Impera z’umunsi wa mbere w’isabukuru ntizabaye nziza, kuko abaririmvyi barondera amahera bakoreye kandi koko bari bayakoreye. None bayasaba nde ko Shazi Kool yari yabahamagaye atawasubiriye kumukubita ijisho? Niko guca bafata bimwe mu vyuma vy’umuziki kandi bitari vya Shazi. Si abaririmvyi gusa, umuntu wese yaziga ifaranga rivuye kuri uwo muririmvyi ntaryo yaronse. Ivyo biri uko mu gihe bivugwa ko uwo nyene yoba yari yamaze kwegeranya amahera yose y’imfashanyo «Sponsors», agashira kuw’inyuma. Ivyo rero vyatumye isabukuru ica ihagara, maze haduka ingorane kuko mwene ivyuma yaguye mu mporero, kuko nawe nyene yarondera kwishuza mu bandi.
Kuva muri iryo joro, umuririmvyi Shazi Kool ntawurasubira kumubona, haba mu ntara ya Gitega canke mu gihugu cose c’Uburundi. Bamwe mu baririmvyi twavuganye, bavuga ko atari ubwa mbere agize ibintu nk’ivyo, kuko kuribo bibuka igiteramo yasibije mu mwaka w’2012. Abandi nabo bavyiketse kare kuko bamusavye amahera y’ibanze «avance», yaca yisamaza akirengagiza kuyabaha. None ko amahera y’imfashanyo yari yamaze kuyakira kuki atari gutanga amahera y’ibanze? Yoba yagize ingorane nki kugira ave ku kibuga adahemvye abaririmvyi kandi yabonye ko bakoze? Eka ibibazo ni vyinshi ariko ivyo biri mu bitesha urubwa umuziki wo mu Burundi, maze bikawaka iteka.
- soma neza ibiri kuri iyi shusho ubone abari batumiwe n’abatanze uburyo (Sponsors)
Cherif Nkeshimana
Messages
3 Nzero 2014, 16:15, par Dr NTÃ SA
Hamwe vyoba vyagenze uko yoba rai igihemu ariko nabasigaye bose bomenya ko ataho vyakabaye aho gestion nkiyo ikorwa n’umuntu umwe. infashanyo zica kuri compte hama hakaba 2-3-4 bajejwe iyo compte n’abandi nka 3 bakurikirana ko ubutunzi butanyuruzwa nabo bajejew iyo compte.
3 Nzero 2014, 17:00, par haha
pole sana, nibihangane !!!