IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Uganda : Ibihagange mu muziki n’abandi baririmvyi barahanzwe n’itegeko (...)

Uganda : Ibihagange mu muziki n’abandi baririmvyi barahanzwe n’itegeko rishasha

mardi 24 Ruhuhuma 2015

Ibihagange mu muziki bo mu gihugu ca Uganda barahanzwe n’itegeko rishasha riheruka gutorwa, rivuga ko abaririmvyi bose bategerezwa kuba barize amashuri y’umuziki atari uko batagiye kworoherezwa mu kazi kabo.

Jose Chameleone

Urubuga rwa Howwe.biz rwo mu gihugu ca Uganda kivuga ko umushikiranganji ajejwe ivy’imigenderanire n’ibindi bihugu w’ico gihugu yatangaje ko ata muririmvyi n’umwe azosubira kuronka ivyangombwa vy’inzira aja mu mahanga kugira bakorereyo ibiteramo vyabo, batigeze biga amashuri y’umuziki.

Uwo mushikiranganji yongera avuga ko guhera ubu umuririmvyi wese ategerezwa kwerekana impapuro zigaragaza ko yaciye mu mashuri y’umuziki hanyuma nawe akaronswa ivyangombwa vy’inzira bimwemerera kugenda gukorera ibitaramo vyabo hanze y’igihugu.

Iryo tegeko rimaze gusohoka ntiryashimishije abantu bamwe baba muri ico gihugu na cane cane ibihagange bikomeye mu muziki, mbere banasaba ko iryo tegeko ryokurwaho. Igituma iryo tegeko ridashimwa, ni kubera ibihagange bikomeye mu muziki nka Jose Chameleone, Bebe Cool, Eddy Kenzo, n’abandi batigeze biga amashuri y’umuziki.

Bebe Cool

Abaririmvyi batandukanye bagiye bavuga ko kuririmba ari ingabire umuntu avukana bidasaba kuba warize amashuri y’umuziki kugira umuntu abe umuririmvyi akomeye, vyongeye n’amashuri y’umuziki atarwiriranye muri ico gihugu.


Lorene Nubwabo

Messages

  • Jewe sindababesha najewe arivyonshoboye hanomi urundi nikotwobigira, mukubigirarero uwowese yarisanzwe arimubasanzwe arumuririmvyi yogumana ubudahangarwa bwiwe iryotegeko ntiryomuraba ariko abomurikira kuvarishinzwe botegerezwa kwerekana urupapuro rwijanunuko bize ivya musical . Mboneyeho nogusaba ababijejwe bakomeze kuvyihumvira. Nakare turafise umusenyeri wigihangange wumurundi yitwa BARASANANIKIYE, yaruguruye ishure rikomeye ryigisha ibijanye na muziki Gitega ndibazako mumisitarambiranye arugurura ishamiryaryo ngaha iwacu BujumburanHo.

  • @Nuwera,Yes’ iby’uvuze nukuri kuber’ iy’ uri umu DD/indaya yaba DD/umuyaya Kwa Nkurunziza.etc, ibintu byos’ucu ubirebera kuri perspective ya DD. Wowe nuyo mu DD wo muri Uganda mwoshobora kutubarir’ yiryo tegeko nico ryomarir’ abanyagihugu???

    Mukahise kisi mwoshobora kutubarir’ abaririmbyi bangahe babaye ba rurangiranwa kwisi kandi baririmby’ibifash’imitima yabantu babanje guca za masters mumuziki???

    Ninde mumurimbyi afite talent nyayo muzi byananiye kunezez’abantu kubera ko ng’atabyize???? DD= ibyiyumviro bidafitiy’abanyagihug’ akamaro sempre.....

  • @ Perriggo, urambabarira cariciyumviro ntarintanze kandikubatutagihurijeko ntivyarigutuma ucuzanamwo ivya DD yanje! Wewerero iyaba urumuntu mbonako twokungurana ivyiyumviro narikukubwirako ukwibintu vyaribipanze kera hakimara kaminuza abana babarundi 2 canke 5 kumwaka nahonyene barinze kujamu Bubiligi, ntibishobora kuzogumabimezegurtyo mugihe muburundi dusikgaye dufise amakaminuza arenga 3 canke 7 tukagira abarangiza zakaminuza burimwaka amajana namajana, Nashaka kukubwirako mugihe vyobavyagenzegurtyo reta yorwiza gukorananabo bagashobora nokuza baraja kumashure gutanga ivyirwa vya musica nukuvuga sukubabwiragusa ngonibagire impamyabumenyi atayindi ntumbero ubifuriza ndakubwirako ubu abarimwobariga ibijanye namusika muriririya shure rya Gitega mumyaka iza abanabawe canke bumugenziwawe uzobubahimiriza kujakwigishwanabo. Murambabarira igihenatanga iciyumviro sinarinziko mucamubishiramwo ivya politike mbonabiharawe. Nuwera.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.