Accueil > Kwidagadura > Ikigo c’abafaransa c’i Bujumbura cashikirije icese urutonde rw’ibigiye (...)
Ikigo c’abafaransa c’i Bujumbura cashikirije icese urutonde rw’ibigiye gukorwa mu kwezi kwose
vendredi 19 Nyakanga 2014
Ikigo c’abafaransa c’I Bujumbura catanze urukurikirane rw’ibikorwa bigiye gushirwa mu ngiro mu kiringo c’ukwezi. Ibikorwa vy’imico n’akaranga biza imbere y’ibindi, harimwo kandi ibijanye no kwerekana ivyiza vy’i Burundi, ivyigwa vyofasha gusubiza hamwe eka n’umwanya w’abasomyi ntuhara kuri uryo rutonde.
- Genevieve VAN ROSSUM n’icegera ciwe Helene FOULARD
Ibikorwa vy’ikigo c’Abafaransa i Bujumbura cashize ahabona uko ibikorwa bitegekanijwe vy’ukwezi kwa Nyakanga na Gitugutu 2014 naho hari ivyamaze kuba. Urutonde ni runini tubacira ku mayange bimwe muri vyo. Hari ’indwi yahariwe "uburyohe n’akanovera k’imboga n’ivyamwa vyo mu Burundi". Iyo ndwi izotangura kw’igenekerezo rya 23 gushika kuri 27 Nyakanga, amazu y’uburiro azogenderwa, hamwe n’amahinguriro y’icayi eka n’ivyigwa vyo gukinjika neza bizotangwa.

Ikigo c’Abafaransa nticasize inyuma gufasha umugambi wo kumenya no kunywanisha"Commission Verite et Reconciliation". Mu kiganiro co guhanahana ivyiyumviro ku cigwa bise "Amahoro Burundi", ico kigo kizotumira abahinga mpuzamakungu bakoze mu vyo gusubiza hamwe mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi. Abo bose begwa n’ico kibazo bazotumirwa muri ivyo biganiro. Ico cigwa kizotangura kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu, kizokwama gitangwa uko umwaka utashe gushika muri Rusama 2015.

Ku ruhande rw’ibiteramo, hasigaye ibiteramo bibiri muri uko kwezi kuko kimwe c’umurwi "Prophet’s Voice"caraheze. Hasigaye igiteramo c’umurwi w’Intatana kizoba ku magenekerezo ya 19 na 20 Nyakanga, ikindi ni uc’umurwi "Moutcho na Alida" kw’igenekerezo rya 10 Gitugutu.
Uruhande rw’amareresi, abakuze n’abato barateguriwe amareresi kandi kwinjira ni ku buntu. Icigwa ku burundi "Documentaire Burundais" harimwo kwerekana ireresi yitwa "Majambere le Fonceur".
Mu mpera z’uko kwezi harimwo guhiganirwa agashimwe kitiriwe "Michel Kayoya"aho abashaka guhiganwa basabwa gutanga ibikorwa vyabo gushika kw’igenekerezorya 10 Gitugutu.
Mushobora gusoma urukurikirane ruramvuye ku murongo ntangazamakuru w’ikigo c’abafaransa www.ifburundi.org. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye ico kigo Genevieve VAN ROSSUM n’icegera ciwe Helene FOULARD mu kiganiro n’abamenyeshamakuru.




Cherif Nkeshimana