IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abagize umurwi w’Ubumwe no kunywanisha abarundi barahiye

Abagize umurwi w’Ubumwe no kunywanisha abarundi barahiye

mardi 6 février 2018

Mu kurahira abo bagize uwo murwi,ukuboko kwabo kw’ibubamfu kwaba gufashe ibendera ry’igihugu n’iry’ubumwe bw’abarundi ,barahira bavuga ko bazorangura imirimo bajejwe ata guhengama,badashize imbere inyungu y’umuntu n’umwe,kwitanga kugira batsimbataze ubumwe no kunywanisha abarundi,bubahirije ibwirizwa shingiro ry’Uburundi amasezerano y’ubumwe bw’abarundi hamwe n’ayandi mategeko.

Abo bagize uwo murwi w’ubumwe no kunywanisha abarundi barahiye ni Ambassadeur Guillaume RUZOVIYO,Alice NZOMUKUNDA,Musenyeri Justin NZOYISABA,Adolphe RUKENKANYA,Alphonse BAZONYICA,Zenon BIGIRIMANA hamwe na Mediatrice BIZABISHAKA.

Abagize umurwi w’Ubumwe no gusubiza hamwe bagenywe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA, ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Kigarama 2017.

JPEG - 32.4 ko
Umukuru w’igihugu mu birori vyo kurahiza abagize umurwi
JPEG - 35.1 ko
Abagize ibiro vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka
JPEG - 29.3 ko
Alice NZOMUKUNDA, yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ariko ararahira

BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.