Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abajejwe intwaro basabwa kworohereza abasaba ikarata karangamuntu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abajejwe intwaro basabwa kworohereza abasaba ikarata karangamuntu

Abajejwe intwaro basabwa kworohereza abasaba ikarata karangamuntu

mardi 23 janvier 2018

Felicien NDUWUBURUNDI arongoye ihuriro ry’imigambwe yemewe mu Burundi (FDP:Forum permanent de dialogue des partis politiques agrées au Burundi) yamenyesheje ko batunganije urwo ruganda, kugira abarongoye imigambwe itandukanye bashobore gushikiriza ivyiyumviro vyabo ku bijanye n’ivyahinyanyuwe.

Umukuruw’umugambwe UPRONA, Abel GASHATSI yari mu bitavye urwo rugenda yamenyesheje amakenga ajanye n’ikarata karangamuntu itangwa ku mafaranga ari hejuru.

Umwunganirizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihuguTherence NTAHIRAJA yari yagiye gusigura ivyahinyanyuwe, yishuye ko gutunga karangamuntu ari itegeko kuva k’umurundi afise imyaka 16 kuduga, ariko benshi birengagiza gusaba karangamuntu bakazibuka amatora ageze canke hari ico basaba muri komine.

Therence NTAHIRAJA aremeza ko hariho abajejwe intwaro bamwe bamwe baboneraho akaryo ko gusaba intererano z’iterambere iyo umuntu agiye kurondera karangamuntu,asaba abo bajejwe intwaro kworohereza umunyagihugu arondera karangamuntu hisunzwe amategeko n’igiciro kizwi.

Umukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri iragi rya NDADAYE yabajije nimba ibwirizwa shingiro rishasha rimaze kwemezwa inzego ziriho zizoca zihava.

Therence NTAHIRAJA yamwishuye ati :“Ingingo ya 288 iratomora neza ko inzego zihari ubu, zizobandanya gushika mu mwaka wa 2020 hagiyeho inzego nshasha zivuye mw’ibwirizwa shingiro rishasha rizoba ryemejwe.

Kubw’umukuru w’umugambwe APDR Gabriel BANZAWITONDE yabajije ibijanye nuko ata bitigiri bitegekanijwe ku bwoko bw’abatwa mu nzego z’igihugu kandi rimwe na rimwe bihora bishika bagatorwa.

JPEG - 40.1 ko
Therence NTAHIRAJA,Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu

Kuri ico kibazo,Umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamwishuye ati : “Abahinga bamenyereye guharura bavuga ko abatwa batarenga ibihumbi 100 mu gihugu,bagiye mu matora birya bice bahabwa ntibobishikira n’ico gituma iyo ngingo yafashwe uko,uwutorwa aratorwa ariko birya biharuro bahabwa barabigumya.”

Zimwe mu ngingo zahindutse mw’ibwirizwa shingiro nk’uko twagiye turabibashikiza hariko ko umusirikare canke umuporisi ubu ashobora kuba umukuru w’intara ,ishirwaho ry’umushikiranganji wa mbere,icegera c’umukuru w’igihugu kimwe n’ibindi.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.