Ibirori vyo gushingurana iteka abo bantu 26 bishwe mw’ijoro ryo kuwa 11 rishira uwa 12 Rusama 2018, vyabereye ku mutumba Ruhagarika aho biciwe, bakaba kandi bashinguwe mu kibanza kimwe catunganijwe, hafi y’ahabereye ico gitero.
Ivyo birori vyitabwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu gihugu c’Uburundi, nk’uwuserukira igihugu c’Ubufaransa, uwuserukira igihugu c’Ububirigi, uwuserukira igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, PNUD n’abandi bategetsi mu gihugu.
Ico gitero cahitanye abantu 26 abandi 7 barakomereka, cabaye mw’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 11 rishira kuwa gatandatu igenekerezo rya 12 Rusama 2018, nk’igihe c’isaha zine z’ijoro.
Kuva ku mukuru w’igihugu c’Uburundi, intumwa y’umunyabanga mukuru wa ONU mu Burundi, imigambwe n’amashirahamwe atandukanye, yariyamirije ubwo bwicanyi bwahitanye abanyagihugu.
Mw’itangazo umushikirizamanza kizigenza wa Republika, Sylvestre Nyandwi,yashize ahabona kur’uno wa mbere igenekerezo rya 14 Rusama 2018, yamenyesheje ko hashizweho umurwi ukora amatohoza kuri ubwo bwicanyi, ukaba wahawe ukwezi kwo gukora.
IZINDI NKURU ZIJANYE N'IYI |
![]() Indirimbo y’amateka ya CNDD FDD yahawe agashimwe
8.11.2018 |
![]() Mairie –Gisyo :Umuntu yakomerekejwe n’imvubu
21.09.2018 |
![]() Mairie-Mutakura: Abasuma 3 bapfuye barashwe
6.08.2018 |
![]() |
![]() |
SOMA IZINDI NKURU MURI "u Burundi"... |
Nukuri Ntamesh Mvuze Arik Wicishije Inkota Uzokwicwa Ninkota Inkoho Ni Nkoho Kandi Impera Yikibi Nurupfu Ka Mwizina Rya Yezu Ndasavye Bakorweko Nishavu Ryimana.Iryo Nijambo Ryimana Mu kristu Uti;dushimirimana Uzobona Ayo Masengesho.
Nonemwonyerek Ivyobizig Vyabobant Bishwe
Mbe Bamujeri Bazohera Ryari?Baragiteye Isibe Kweli.Nibacire Birarura!
ariko mana! ntiwogaragaza abo babisha baraye bakoze iryo bara!twosaba ico gihugu ça Congo KO codufatira abo bagesera! ababuze mwihangane!!twifatanije namwe umubabaro
Ayiiiiiiii!!!!!!Ndarize ndahogoye Mana ndizwa n’abanyagihugu b’inzirakarengene Ese aba bagandaguwe nibo batanga ubutegetsi koko!! Abarundituzohera tuzira kuba nta kigongwe dufite I Burundi hakenewe amahoro bagatuza bagakora
N’ukuri ivyabaye n’ibara kubona abantu bicwa bunyamaswa biryamiye ataco bazira.Nkivyumva narababaye cane abo bicanyi ni baronderwe kuko ntamvo nimwe ihari yo kwica abana,abagore.Ariko kuva aho amaraso yamenetse ntiharagera aho ubwicanyi bwohera??Abanuze ababo bihangane Uhoraho Abahe kwigumya nanje ndabahojeje.Nk’umurundi ndiyamirije ubwicanyi aho buturuka hose.Murakoze
Andika hano ,IMANA ibakire mubwampi bwijuru ababuze mwihangane abarundi twabuze ababishoboye mwese mwobagarukirako IMANA iborohereze
abobabisha nabasi bigihugu ntibashaka ababaho ndahojeje imiryango yabuze bihangane ntamvura idahita?
Birababaje abana bicwa batazi ico bazira,nimba arabanka intwaro ihari bakabikora kugira bayitere ishavu bakwiye kugwana nigisoda nigipolisi ciyo l’ETA.
Birababajeeee!!!!!! Kubona Abantu Nkabo Binzirakarengane Bicwa Bunyamaswa, Nihakorw’amatohoza Bahanwe Hisunzwe Amategeko, Namakungu Adufashe Kubahana.
mwihangane ababuze Imana ibahe kwihangana