IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bimwe mu vyavuye mu mwiherero wa poritike wabereye mu Kayanza

Bimwe mu vyavuye mu mwiherero wa poritike wabereye mu Kayanza

lundi 26 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri uwo mwiherero, ikibazo c’inani (Coalitions) zishingwa mu matora, ariko inyuma y’ayo ntizisubire kwemererwa n’amategeko gukora, caragarutsweko. Abari mu mwiherero watunganijwe n’ibiro vy’umuhuza w’Abarundi basavye ko hojaho amategeko atomoye avuga ingene inani zikora poritike mu matora hamwe n’inyuma yayo, hamwe n’ingene izo nani zohinduka imigambwe ya poritike yemewe n’amategeko, mu gihe abazirongoye boshaka kubisabira uruhusha.

Abari muri uwo mwiherero bashikirije amakenga yabo, ku kibazo c’amwe mu mategeko ari mu bitabu nk’itegeko rigenga amatora n’ayandi, akunze gutera impari. Impande zose zumvikanye ko insiguro kw’itegeko riteye impari zizohora zitangwa n’inzego zibijejwe.

Mu cegeranyo c’ivyavuye muri uwo mwiherero w’abanyeporitike, bashikirije ikibazo c’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ridatomoye mu ngingo zaryo zimwe zimwe, ibihora bitera ingorane. Inyishu yatanzwe ikaba yabaye iy’ugusaba abahinga bazohinyanyura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ko boriteguye neza, kandi ryoroshe gutahura hamwe n’ugushira mu ngiro ku nyungu za bose.

JPEG - 38.3 ko
Bamwe mu bari batumiwe muri uwo mwiherero

Abakuru b’imigambwe yacitsemwo amashami bahamagariwe gukora ibishoboka vyose, kugira imigambwe yabo yiyunge, bongere bamize ku mutima ko amatora yo mu mwaka w’2020 ategerezwa kuba. Basabwe kandi kuzokwemera ibizoba vyavuye muri ayo matora.

Reta y’Uburundi yasabwe ko yokwongereza abagize umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora, kugira n’iyindi imigambwe iserukirwe, kuko arivyo bizotuma uwo murwi wizerwa kuruta uko biri ubu. Reta yasabwe kandi kurwiza imvugo zihumuriza, kugira Abarundi bahunze batahuke kwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020.

Reta y’Uburundi yabandanije gusabwa ko yokomeza umutekano w’abakuru b’imigambwe hamwe n’abandi banyeporitike, kugira bashobore gukora poritike mu gihugu cose ata nkomanzi.

Mu cegeranyo c’ivyavuye mu mwiherero wabereye mu ntara ya Kayanza basaba ko hoshirwaho urwego rwigenga rujejwe gutorera inyishu amatati yokwibonekeza hagati y’Abanyeporitike.

Urunani rw’imigambwe itavugarumwe na Reta ihurikiye muri CNARED-GIRITEKA rumenyesha ko ibiganiro vyose vyotunganywa bitarimwo abegwa bose n’ikibazo ca poritike mu Burundi, bidashobora gutorera inyishu indyane za poritike ziri mu Burundi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.