Accueil > Amakuru > u Burundi > EAC:Umwiherero ugira 4 w’abakuru b’ibihugu kubijanye n’inyubako rusangi (...)
EAC:Umwiherero ugira 4 w’abakuru b’ibihugu kubijanye n’inyubako rusangi wimirije kuba
mercredi 21 février 2018
Bimwe mu bitegekanijwe kwigwa muri iyo nama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko, ni ibijanye no kurabira hamwe aho ibikorwa vy’iterambere bigeze hamwe n’ikibazo c’ibiganiro bihuza Abarundi.
Ibindi vyitwezwe kwigwa, ni ibijanye no kurondera imfashanyo mu vyerekeye inyubakwa nk’amabarabara ahuza ibihugu vy’iryo shirahamwe, guteza imbere ibiyaga Tanganyika n’ica Victoria, hamwe n’igisata c’amagara y’abantu.
- Gaston SINDIMWO,icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu agiye mu gihugu c’Ubuganda
Iyo nama y’abakuru b’ibihugu b’umuryango wa Afirika y’Ubuseruko igira iya 19, uwo mwiherero ukaba ari uwa 4 mu bijanye no kwigira hamwe ivy’inyubako rusangi.
BIKORIMANA Vianney
Messages
21 février 2018, 16:59, par TUYISENGE ALEXANDRE
NONE NIKUBERIKI MUKORA INAMA ZINYUBAKO YIBARABARA KUBIYAGA MUTANGOMBA KUDUKORERA NATWE IBARABARA RYUNGURUZA ABANTU NIBINTU NGA MURUTANA MP KAYOVE ?IKIBAZ NINKICO.
23 février 2018, 16:52, par kigabo jean marie
mbe gatinyashengero we azonyeguruka ryari ?