IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > Gaston SINDIMWO "Abarundi bafise ingabire zo gukina ariko ntibafise aho (...)

Gaston SINDIMWO "Abarundi bafise ingabire zo gukina ariko ntibafise aho bavyerekaranira"

Thursday 19 April 2018, by Jean De Dieu

Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko iyo nyubako izotuma inkino zitera imbere mu gihugu c’Uburundi kuko abarundi bafise ingabire zo gukina ariko ntibafise aho bavyerekeranira kuko ata bibuga biri k’urugero mpuzamakungu biriho.

Gaston SINDIMWO yavuze ko iyo nyubako izofasha amashirahamwe y’inkino zitandukanye kuronka aho zizokorera ku giciro kitavuna kuko asanzwe adafise aho akorera.

Icegera c’uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe CEPEB Musenyeri Eraste BIGIRIMANA yamenyesheje ko ico kigo bariko barubaka kizofasha guteza imbere inkino zo kwinonora imitsi mu gihugu hamwe n’izindi nkino zitandukanye.

Bimwe mu bikorwa bimaze gukorwa na CEPEB n’inyigisho zijanye n’imyuga itandukanye hamwe no gushona yatanzwe ku bantu batishoboye muri komine Nyanza lac ,ihinguriro ryo guhingurira amavuta ryubatswe muri zone Kabonga I Nyanza lac hamwe n’inyigisho zijanye no gushona hamwe n’utugenegene mu Kanyosha.

Inyubako Stade Olympique izoba ifise inyubako zitandukanye ikibuga c’umupira w’amaguru,ikibuga c’umupira w’amaboko Volley Ball, ibibuga 3 vy’umupira w’amaboko Basketball hamwe n’ikibuga c’umupira Handball.


Bikorimana Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.