IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Ashley Girukwishaka > Inkuru > Ireresi yateguwe na Ibra Kwizera yasubiriye kuja mw’ihiganwa (...)

Ireresi yateguwe na Ibra Kwizera yasubiriye kuja mw’ihiganwa mpuzamakungu

mercredi 30 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’ihiganwa ry’amareresi ririko ribera mu gihugu c’Ubuganda (Uganda Film Festival), harimwo ireresi yateguwe n’umurundi Ibra Kwizera. Ireresi "Ashley" iri mu mareresi atari make arindiriye gutorwamwo iyizoba iya mbere ku munsi wa nyuma w’ihiganwa.

Ibra Kwizera avuga ati: "Naratangaye cane numvise ko "Ashley" isubiye mw’ihiganwa inyuma y’imyaka ibiri isohotse, inyuma kandi y’ubushimwe butandukanye imaze kuronka hirya no hino kw’isi".

JPEG - 83.2 ko
Ibra KWIZERA

Mu gihe hari abidoga ko ibikorwa vy’abanyamyuga b’Abarundi bidashika ku rwego mpuzamakungu, Kwizera Ibra siko abibona.

"Ntawari akwiye kwidoga kuko kugira umuntu atere imbere arinda kumenya ico ariko arakora, ico akeneye gushikako, eka no kwihangiro afise".

KWIZERA Ibra ahanura bagenziwe ko gukora ikintu bisaba kugira ubumenyi bw’ico uriko urakora.

"Ubwiza bw’ikintu ntibuhishwa, naho hoba abadashaka".

Ibra avuga ko n’ubutumwa bw’ireresi "Ashley" nabwo bwoba butuma ikundwa. Ubwo nabwo si ubundi, ni ububegito bw’abavyeyi barenga ibigo, ingaruka mbi zikazingamika abana.

Tubibutse ko ireresi "Ashley" imaze kwitaba amahiganwa yo muri Tanzaniya, mu Burundi, Uganda, Burkina Faso, Cameroun, na Amerika. Tubibutse kandi ko umunsi wa nyuma w’ihiganwa ari kw’igenekerezo rya mbere Nyakanga.


Cherif NKESHIMANA

Messages

  • Tumwipfurije kuzotsinda iryo higanwa kanatsinda mu irerresi yiwe yasizemwo ibintu mbona vyukuri bikunze kuba mu bihugu vyinshi vyo kw’isi ndizera ko atankeka azotsinda iryo higanwa.

  • Imana ikuje imbere musore,nagize amahirwe yokuyibona hirya y’umugabane wacu,yaremeje abantu benshi bivanye n’ubutumwa bwuzuyemwo bw’ukuri,ndizera kandi ndakwijeje ko no my myaka 10 izoba ikirimwo akanovera kubuhanga wakoresheje,abarundi murabahanga,terimbere sha...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.