IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > MINUSCA : Umusirikare w’umurundi yitavye Imana yishwe n’abitwaje (...)

MINUSCA : Umusirikare w’umurundi yitavye Imana yishwe n’abitwaje ibirwanisho

mardi 12 juin 2018

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, amenyesha ko yibukije ko ibitero bikorwa ku basirikare b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bija mu rwego rw’ivyaha vyo mu ntambara, kandi ko abakora ubwo bwicanyi bashobora gufatirwa ibihano.

Antonio Guterres asaba abategetsi b’igihugu ca Centrafrique gukora ibishoboka vyose kugira habe amatohoza azotuma bamenya ababikoze, gutyo bashikanwe imbere y’ubutungane.

Umuvugizi w’umunyamabanga mukuru wa ONU, amenyesha ko umunyamabanga mukuru w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, yemeje ko abandanya ashigikira MINUSCA mu twigoro two gukingira abanyagihugu no kuronderera umutekano igihugu ca Centrafrique.

Ku ruhande rwa MINUSCA, bariyamiriza ico gitero cabaye kur’uyu w’Imana, bakiyamiriza kandi irwirirana ry’ibitero ku basirikare babo, bakemeza ko bagiye gukora ibishoboka vyose kugira abakora ubwo bwicanyi bashikanwe imbere y’ubutungane.

Abaye umusirikare agira gatanu w’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU yitavye Imana yiciwe mu gitero, kuva mu kwezi kwa mbere kw’umwaka wa 2018, ico gitero naco kikaba kibaye ica kabiri mu ndwi imwe gusa.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.