IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Koffi Olomide > Shabani NDAYISHIMIYE yoba atashoboye kuronka amafaranga yari yiteze mu (...)

Shabani NDAYISHIMIYE yoba atashoboye kuronka amafaranga yari yiteze mu biteramo vya Koffi OLOMIDE

jeudi 13 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Uwo mushingwamanza yemeza ko Shabani NDAYISHIMIYE yahaye umuririmvyi Koffi OLOMIDE amafaranga adakwiye kuyo bari bavuganye agera ku bihumbi mirongo itanu y’amadorare, akaba kandi atari bwarihe ihoteri BEL AIR yakiriye uwo muririmvyi, hamwe n’ihoteri SUN SAFARI y’umurwizatunga Siyoni NIKOBIRI yakiriye umurwi "Quartier Latin" w’abatamvyi b’uwo muririmvyi. Mu gihe Koffi amaze gutaha, abo batamvyi bo baracari mw’ihoteri bashikiyemwo, bakaba bankiwe kuhava kubera batarariha.

Maitre Donatien BIZOZA yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko Shabani NDAYISHIMIYE yahomvye mu biteramo yatunganirije Koffi, akaba atashoboye kwinjiza amafaranga yari yiteze. Uwo mushingwamaza akibaza ko arico coba caratumye uwo muririmvyi agerageza guhunga.

Osman Shabani NDAYISHIMIYE yafashwe n’igiporisi ku mugoroba wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Mukakaro 2017, afatirwa mu ntara ya Kirundo ariko arondera kwinjira mu Rwanda.

Kuva kuri uwu gatatu, apfungiwe mu gasho k’igiporisi kijejwe amatohoza (PJP) muri karitiye ya Jabe, mu gisagara ca Bujumbura.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.