Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Ubumwe bw’abarundi bumaze imyaka Uburundi bumaze bubayeho.’’
’’Ubumwe bw’abarundi bumaze imyaka Uburundi bumaze bubayeho.’’
lundi 5 février 2018
Mw’ijambo yashikirije kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2018, mu gihe kur’uyu wa mbere abarundi bahimbaza imyaka 27 hashizwe umukono ku masezerano y’Ubumwe bw’abarundi,umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko Ubumwe bw’Abarundi butamaze imyaka 27 gusa bubayeho, ariko ubwo bumwe bw’abarundi bumaze imyaka Uburundi bumaze bubayeho.
Muri iryo jambo yashikirije abarundi, umukuru w’igihugu yavuze ko amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi yo kuwa 5 Ruhuhuma 1991 yaje kwibutsa Abarundi ko hari agahaze, ko twinjiranywe, ko tumaze hafi imyaka 100 dusinzikajwe n’ishano twatamitswe n’abakoroni, kandi ko dukeneye umurogoro.
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko, uwo murogoro nyamukuru utazova mu kuririmba ururimbo ruhayagiza Ubumwe bw’Abarundi abantu bafatanye amaboko, ariko uzova mu kugaruka kw’isoko ry’Ubumwe ariwo muryango nkomoko waturatujwe ugatatana hejuru y’inyungu z’abakoroni.
- Petero NKURUNZIZA,umukuru w’igihugu c’Uburundi
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asigura ko, Ubumwe atari amajambo asosa canke ivyivugo, ariko ko Ubumwe bw’abarundi ari ibikorwa n’ingendo bishingira intahe ukuri.
Umukuru w’igihugu akarangiza asaba abarundi kwima amatwi ababahuvya bitwaje ko aribo babakunda gusumba abandi.
,
MUGISHA Van Naris
Messages
5 février 2018, 19:41, par Nyabenda Manweri Batazira Bizoza
Kubo Nandikiye Ndabifurije Amahoro Y’ Imana Amahoro Asumba Ibidukikije Murakozei
8 février 2018, 21:09, par nduwayezu gerard
None Izonkino Zizoba Kotwabasavye Amakuruya Real Madride
3 octobre 2018, 20:25, par Bizoza Manweri
Andika hano Ubumwe Buragwnya Umwasi ....