IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Ubumwe bw’abarundi bumaze imyaka Uburundi bumaze bubayeho.’’

’’Ubumwe bw’abarundi bumaze imyaka Uburundi bumaze bubayeho.’’

lundi 5 février 2018

Mw’ijambo yashikirije kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2018, mu gihe kur’uyu wa mbere abarundi bahimbaza imyaka 27 hashizwe umukono ku masezerano y’Ubumwe bw’abarundi,umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA amenyesha ko Ubumwe bw’Abarundi butamaze imyaka 27 gusa bubayeho, ariko ubwo bumwe bw’abarundi bumaze imyaka Uburundi bumaze bubayeho.

Muri iryo jambo yashikirije abarundi, umukuru w’igihugu yavuze ko amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi yo kuwa 5 Ruhuhuma 1991 yaje kwibutsa Abarundi ko hari agahaze, ko twinjiranywe, ko tumaze hafi imyaka 100 dusinzikajwe n’ishano twatamitswe n’abakoroni, kandi ko dukeneye umurogoro.

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA avuga ko, uwo murogoro nyamukuru utazova mu kuririmba ururimbo ruhayagiza Ubumwe bw’Abarundi abantu bafatanye amaboko, ariko uzova mu kugaruka kw’isoko ry’Ubumwe ariwo muryango nkomoko waturatujwe ugatatana hejuru y’inyungu z’abakoroni.

JPEG - 66.7 ko
Petero NKURUNZIZA,umukuru w’igihugu c’Uburundi

Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA asigura ko, Ubumwe atari amajambo asosa canke ivyivugo, ariko ko Ubumwe bw’abarundi ari ibikorwa n’ingendo bishingira intahe ukuri.

Umukuru w’igihugu akarangiza asaba abarundi kwima amatwi ababahuvya bitwaje ko aribo babakunda gusumba abandi.
,


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.