IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Uburundi bwakiriye inama igira 72 ya komite nshingwabikorwa ya (...)

Uburundi bwakiriye inama igira 72 ya komite nshingwabikorwa ya UPA

mardi 22 mai 2018

Mw’ijambo ryiwe, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO, yamenyesheje ko ari iteka ku barundi kwakira iyo nama igira 72 ya komite nshingwabikorwa mw’ishirahamwe rihuza abashingamateka bo muri Afrika.

Gaston SINDIMWO yavuze ko kuba Uburundi bwakiririye iyo nama ku murwa mukuru Bujumbura, ari ikimenyetso c’ubucuti bukomeye, kandi ko abarundi bavyemera.

Amakuru dukesha urubuga rwa Twitter rw’inama nshingamateka y’Uburundi, amenyesha ko, muri iyo nama abaserukiye amanama nshingamateka y’ibihugu 26, bazokwiga ihinyanyurwa ry’amategeko agenga ishirahamwe UPA, integuro y’amasezerano hagati y’ihuriro ry’inama nshingamateka ku mugabane wa Afrika n’iyo muri Amerika y’Ubumanuko, ikoreshwa ry’amafaranga y’ishirahamwe UPA mu mwaka wa 2017, n’ibindi.

Iyo nama yatanguye kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 22 Rusama 2018, izorangira kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 23 Rusama 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.