Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uwatowe mu Mizero y’Abarundi aranegura uko igikorwa co gutegura amatora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Uwatowe mu Mizero y’Abarundi aranegura uko igikorwa co gutegura amatora (...)

Uwatowe mu Mizero y’Abarundi aranegura uko igikorwa co gutegura amatora kiriko kirakorwa

jeudi 1er février 2018

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko igikorwa co gutegura amatora kitariko cisunga amategeko, kuko mu gihe vyari bitegekanijwe ko muri iki kiringo haba hariko higishwa ivyahindutse mw’ibwirizwa nshingiro, ahubwo hatanguye isekeza ryo kuritora, hamwe hamwe hakaba no gutera ubwoba abantu.

Kubwo umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA gushika ku matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, bica ku biringo bine bikuru bikuru, navyo bikaba bitangurirwa no gusigura ivyiza canke ibibi biri mw’ibwirizwa shingiro, kwiyandikisha no gusigura igituma umuntu yotora EGO canke OYA, Kwigisha EGO canke, hagahereza amatora nyezina.

Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko yisunze uko igikorwa co kwitegurira amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwashingiro ,ata cizere ko impande zose zegwa na poritike mu gihugu zizoronka akaryo ko kwitegurira ayo matora bisanzuye.

« Abantu babandanya gupfungwa kubera babikeka ko gusa bokwigisha gutora OYA, wumva hageze ko yigisha bomwemerera. Abantu bariko bapfungwa bazira ubusa, umwikeko, babesherwa ngo bariko bagirisha inama mw’ ijoro. »

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko bimaze kugaragara ko ivyo kwigisha EGO canke OYA bizogenda nabi, kuko n’abapfungwa bariko bazira ivyiyumviro vyabo, vyo kuba abri mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi ,batariko bazira ko bariko bigisha EGO canke OYA, bazira ko ari abo mu mizero.

JPEG - 80.9 ko
Pierre Celestin NDIKUMANA, Umukuru w’umurwi w’abashingamateka bo m’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi(Photo IWACU)

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko, kuva hatanguye isekeza rijanye n’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro, abanywanyi bashika 40 b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bamaze gufatwa bazira umwikeko.

Ivyo biri ukwo, mu gihe haba mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu canke mu murwi utegura amatora CENI, bamenyesheje ko ,ikiringo co gusaba abanyagihugu gutora EGO canke OYA kitarashika.

Kw’igenekerezo rya 18 Nzero 2018, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko ikiringo co gutangura gusaba gutora EGO canke OYA kizomenyeshwa n’umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI, kuko ariwo ubifitiye ububasha.

Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE, yavuze ko abipfuza kuja mw’isekeza ryo guhimiriza gutora EGO canke OYA borindira uwo mwanya, utegekanijwe n’amategeko agenga amatora mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.