IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE yahagaritswe mu kazi n’urwego CNC

Umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE yahagaritswe mu kazi n’urwego CNC

mardi 26 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibihano vyafatiwe ikinyamakuru IGIHE vyamenyekanye ku muhingamo wo kuri uwu kuri uwu wa kabiri, mu rwandiko urwego CNC rwasohoye.

Ivyo bihano vya CNC bivuga ko Egide NDUWIMANA, umuyobozi ajejwe itangazamakuru mu kinyamakuru IGIHE ahagaritswe kurangura umwuga w’itangazamakuru mu kiringo c’amezi atatu.

N’ikibanza gicishwamwo ivyiyumviro vy’abanywanyi b’ikinyamakuru IGIHE (Rubrique Commentaires) cahagaritswe mu kiringo c’iminsi mirongo itatu.

Umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE avuga ko atakiriye neza iyo ngingo, akavuga ko yari yatumweko kwisigura muri CNC.

Egide NDUWIMANA : "Ubwa mbere twaratangaje n’ukubona ishirahamwe ACOPA Burundi ariryo ryitwara kandi ritigeze rivugwa muri ayo makuru twakoze. Iryo shirahamwe ntiryigeze riturondera kugira dutange umuco, canke tubahe umwanya w’ukugira ico bashikirije kuri ayo makuru."

Umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE avuga ko azoshira mu ngiro ivyo bihano vyafashwe, agasaba urwego CNC ko rwofatira ku nsiguro zatanzwe, ivyo bihano bigabanuke.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.