Accueil > Amakuru > u Burundi > Umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE yahagaritswe mu kazi n’urwego CNC
Umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE yahagaritswe mu kazi n’urwego CNC
mardi 26 Kigarama 2017, par
Ibihano vyafatiwe ikinyamakuru IGIHE vyamenyekanye ku muhingamo wo kuri uwu kuri uwu wa kabiri, mu rwandiko urwego CNC rwasohoye.
Ivyo bihano vya CNC bivuga ko Egide NDUWIMANA, umuyobozi ajejwe itangazamakuru mu kinyamakuru IGIHE ahagaritswe kurangura umwuga w’itangazamakuru mu kiringo c’amezi atatu.
N’ikibanza gicishwamwo ivyiyumviro vy’abanywanyi b’ikinyamakuru IGIHE (Rubrique Commentaires) cahagaritswe mu kiringo c’iminsi mirongo itatu.
Umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE avuga ko atakiriye neza iyo ngingo, akavuga ko yari yatumweko kwisigura muri CNC.
Egide NDUWIMANA : "Ubwa mbere twaratangaje n’ukubona ishirahamwe ACOPA Burundi ariryo ryitwara kandi ritigeze rivugwa muri ayo makuru twakoze. Iryo shirahamwe ntiryigeze riturondera kugira dutange umuco, canke tubahe umwanya w’ukugira ico bashikirije kuri ayo makuru."
Umuyobozi w’ikinyamakuru IGIHE avuga ko azoshira mu ngiro ivyo bihano vyafashwe, agasaba urwego CNC ko rwofatira ku nsiguro zatanzwe, ivyo bihano bigabanuke.
IGIHE
Messages
28 Kigarama 2017, 10:12, par karimu
Biteye isoni