IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ’’Umwimbu w’agatasi watumye ibiciro bigabanuka ku masoko’’

’’Umwimbu w’agatasi watumye ibiciro bigabanuka ku masoko’’

mardi 30 janvier 2018

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 29 Nzero 2018, ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji mu mwaka wa 2017,umushikiranganji Deo Guide RUREMA yamenyesheje ko zimwe mu mbuto zatanzwe ari itoni 83 z’ibigori,itoni 61 z’umuceri hamwe n’itoni 45 z’ifumbire.

Umushikiranganji Deo Guide RUREMA yavuze kandi ko ,ibindi vyatanzwe nk’uko ari ,imivyaro 119 y’ibitoke,imivyaro y’ibiti 536 hamwe n’itoni 8520 y’ishwagara.

Deo Guide RUREMA aramutswa ubushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko umwimbu w’agatasi wagenze neza ku biterwa mbumbarugo nk’ibiharage,ibiraya hamwe n’ibigori vyatumye ibiciro vyavyo bigabanuka ku masoko.

Uwo musikiranganji yasavye abarimyi kutasesagura uwo mwimbu, ariko bawubike mu bigega vyabo rusangi.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.