IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > SAT B > Chansons > Abakobwa bo mu Rwanda Sat b yashize mw’isanamu ya "Nyandika" (...)

Abakobwa bo mu Rwanda Sat b yashize mw’isanamu ya "Nyandika" baramuzimvye

mardi 22 Mukakaro 2014

Isanamu y’ururirimbo "Nyandika" yagiye ahabona. Sat b avugako yamuzimvye cane kuko yashatse ko yokorerwa mu Rwanda. Ati:" Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze."Sat b ashaka kuja ku rugero rwa Afrika y’Ubuseruko canke mpuzamakungu.

Isanamu y’ururirimbo "Nyandika" yakozwe n’abahinga Mustafa na Maduwa bo mu nzu ikora amasanamu "Studio Camino Media" yo mu Rwanda. Yafatiwe mu bibanza bitandukanye harimwo ahitwa KCT (Kigali City Tower), ahitwa Mera Neza hatungiwe amafaransi na handi.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru musoma kuri www.IGIHE.bi, Sat B avugako iyo sanamu yamutwaye amahera arenga ku bihumbi amajana 930 000 y’amarundi, abakobwa baboneka muri iyo sanamu harimwo uwitwa Chancella, avugako umwe wese yamuhaye amahera arenga ku bihumbi 150 000 y’amarundi.

Tumubajije igituma yahisemwo kuja kuyikorera mu Rwanda, Sat b ati:" Akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze, ikindi nshaka kuja ku rugero rwa Afrika y’Ubuseruko canke ndaharenge mfate urugero mpuzamakungu."

Raba aha munsi isanamu y’ururirimbo "Nyandika" rwa Sat b


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.