IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Abasomana bahana indimi bahana imigera myinshi y’udukoko

Abasomana bahana indimi bahana imigera myinshi y’udukoko

mercredi 19 Munyonyo 2014

Abahinga karuhariwe mu ndwara ziterwa n’udukoko dutoduto (bacteries) basanze gusomana bahana indimi umwanya muto ku bakundana bahanahana indwara ziterwa n’utwo dukoko zingana imiriyoni 80 zica mu mate bahana.

Abahinga bo mu kigo "Institut Micropia au Pays-Bas" baremeza ko mu mwanya ungana imisegunda 10, abasomanye bahana utwara duterwa n’udukoko bita "bacteries" tungana imiriyoni 80. Ikindi cigwa cakozwe kigatangazwa mu kinyamakuru Microbiome kivuga ko abasomana incuro 9 ku munsi batwara za ndwara co kimwe n’umwe yasomana amasegunda 10.

Kugira bakore ico cigwa, abo bahinga bararavye basanga abantu bakundana kenshi basomana ku bice mirongo icenda kw’ijana (90%) mu mico itandukanye y’abantu kw’isi. Icigwa cakozwe ku bakundana bangana 21 baca bapima amate n’ururirimi. Ni ko gushira ku rurimi umuti uraba twa dukoko(bacteries) ku ruririmi rw’umwe muri abo basomana.

Inyuma y’imisegunda 10, basanze imigera ya twa dukoko yari mu mate y’umwe muri bo yigwije na gatatu, baravye ku bandi basoma bahana indimi incuri icenda ku munsi bahana imigera ya twa dukoko ingana na bamwe bahana indimi imisegunda 10.

Muganga mukuru"Docteur Remco Kort" umwe mu bagize icigwa aza guhumuriza abasomana bahana indimi. Yagize ati:" guhanahana udukoko mu mate ni vyiza cane kubera guhana indimi ari ikintu ciza mu gihe c’imibonano mpuzabitsina kandi n’umwanya mwiza ku bakunda wo guhana utwo dukoko". Abandanya avuga ko guhana utwo dukoko ari ngira kamaro kuko natwo hari ivyo dufasha mu mubiri, hari igihe rero umwe muri abo basomana aba afise dukeyi maze mugenzi we akamwongerereza maze bagafashanya kurwanya indwara zimwe zimwe.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.