IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > « Abatavuga rumwe na Reta bose ntibokwitwa abagizi ba nabi »

« Abatavuga rumwe na Reta bose ntibokwitwa abagizi ba nabi »

dimanche 21 Ruhuhuma 2016, par egide

Intumwa idasanzwe ya Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello, ahanura Reta y’Uburundi kudafata ko abavuga rumwe nayo bose ari abansi b’igihugu n’inkozi z’ibibi.

Inyuma y’urugendo yari amazemwo iminsi itatu mu Burundi, intumwa idasanzwe ya Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini, Thomas Perriello, yabwiye abamenyeshamakuru mu kiganiro yatanze kuri uwu w’Imana, ko Amerika itazigera ishigikira abahungabanya umutekano hamwe n’abakora ibitero ku banyagihugu.

Thomas Perriello yamenyesheje ko uwutiyumvira co kimwe n’ubutegetsi atoca yitwa uwuburwanya canke uwushaka kubuhirika, akavuga ko Reta y’Uburundi ikwiye gutandukanya abashigikiye iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha hamwe n’abari inyuma y’ibikorwa vy’uguhungabanya umutekano.

JPEG - 29.3 ko
Thomas Perriello, intumwa idasanzwe ya Barack OBAMA mu karere k’ibiyaga binini

Nk’uko vyashikirijwe n’iyo ntumwa ya Barack OBAMA, Amerika imenyesha ko ishigikiye ko hoba ibiganiro bihagarariwe n’intuma zo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika, ivyaha vyakozwe na Reta bimenyekane, hamwe n’ivyakozwe n’abatavuga rumwe nayo bije ahabona.

Thomas Perriello avuga ko indwi zibiri zimirije ari ikiringo gikomeye ku Burundi, kuko buzokwakira umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon hamwe n’intumwa z’abakuru b’ibihugu batanu ba Afrika bazogendera Uburundi imbere y’uko haba inama y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko.
Kubwiwe, iyo mibonano yose atakivuyemwo, ibintu bishobora kuyangara mu Burundi.

« Ni akaryo kadasanzwe ntasubirwamwo kuri Reta y’Uburundi kugira yerekane ugushaka ifise aho kugera, hamwe n’intambwe Uburundi bumaze gutera mu gushiraho icuka ciza. »

Mu gihe Reta y’Uburundi yamenyesheje amakungu ko ata bwicanyi ndengerabutungane bwakozwe mu Burundi, Thomas Perriello yamenyesheje ko inzira imwe yonyene ishoboka kugira ivyo Reta yavuze vyemerwe, ari uko Uburundi bworeka abahinga bigenga bakagira amatohoza adahengamye, ukuri kukaja ahabona.

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, Thomas Perriello yashimye ingingo ya Reta y’ukwugurura amaradiyo abiri yigenga, agasaba ko n’ayandi asigaye acugawe yohabwa uburenganzira bw’ugusubira gusamirana, Reta ikongera igashiraho icuka cotuma abamenyeshamakuru bahunze Uburundi bashobora gutahuka.


IGIHE

Messages

  • Mushaka Kuzana Za Saterite Zitabona! Ni Mubuze Kaguta Ikiringo Ca Gatanu! Niho Twobemera.

  • none nka CNARED wovuga kwatarizo?rekura ivyo vyanwa.OBAMBWA nawe uti,mutama wacu twitoreye muzomudutsindako

  • Gondoza izo ntumva zihaye ubutegetsi kunguvu.

  • mutama wacu twitoreye,igumire kw’ivora tukuri inyuma hama abavga bavuge kandi tuzokwongeza muri 2020 bashaka biyahure

  • Imana Yaduhay Uburundi Izobudutungira Ni Bakureh Iterabwoba.

  • REKAGUHENGAMA NGONIKUBERA BOBAYIMBUYEKUVA UBURUNDIBWIKUKIYEKUGEZANUBU BOMWAMAMWAHURIYEMUMAHANGA NATWETUZOTEBATWUMVIGWA UHORAHO ARATUBONA

  • ndibazankukombona.iyontumwakuba,zirikozirazamugihuguzarakoresheje,uburyobwinshikumasezeranoyiyarusha.ninkuko,ibibamugihugucacubabibonakuturusha,nkukoyansebafisekumukurakunguvu,babazwanubwicanyibundanyabuba.nkizoradiyo.Nabobandibanyeporike.Nabasodabashatseguhik’ubutegetsinabobahingabozagutohozakubwicanyibwabayekumpandezose.Nih’amakunguyogarur’agatima..

  • Ndatangazwa Cane Ni Ndyane Ziba Mugihugu Imana Yadutije Cuburundi Erega Ntakuganza Kutava Kumana Ushaka Kuba Mukuru Wabandi Nabe Hanyuma Yabandi Erega Nitwihane Yesu Araje Twime Ingoma Ivyo Abantu Bose Barabisha Amaso bakagwanira Abeshi Bakicana Bikugweho Hazoba Kwicuza Cane Umuntu Ariko Abazwa N,imana Ivyo Yakoze Mwisi Imana Ihabwe Icubahiro Amen

  • Ndatangazwa Cane Ni Ndyane Ziba Mugihugu Imana Yadutije Cuburundi Erega Ntakuganza Kutava Kumana Ushaka Kuba Mukuru Wabandi Nabe Hanyuma Yabandi Erega Nitwihane Yesu Araje Twime Ingoma Ivyo Abantu Bose Barabisha Amaso bakagwanira Abeshi Bakicana Bikugweho Hazoba Kwicuza Cane Umuntu Ariko Abazwa N,imana Ivyo Yakoze Mwisi Imana Ihabwe Icubahiro Amen

  • Ndashima cane utwigoro twareta zunzubumwe za amerika mugufasha abarundi mukugira amasezerano yarusha yubahirizwe mugabo uravye aho bakirukiye kuri nkurunziza nakarwi kiwe babasaba kuyubahiriza mugabo bakaba barase kumva jewe mbonako hageze niba hatarengeranye ko amerika yoheba ikavugutira umuti izonkoramaraso nkuko yama ibigenza nahandi kanatsinda ivyo vyama bitegekanijwe mumigambi ya amerika kwiyo umuntu umubwije inzira yibiganiro akakunanira ko igica gikurika Ari ukumukura amajigo ukoreshe umuheto kandi ivyo amerika irabishoboye yomutera ibombe imwe kwakarya karuri kiwe abarundi Bose uwomusi bakiruhutsa kuko nkurunziza ntasumba aba przda Bose amerika yagiriye ivyo

  • Reta nti shobora kwemera yuko yakoze amabi ndengera butungane,ahubwo nihaze abahinga babinonosoye mpuzamakungu,batohoze amabi yakorewe abenigihugu.Aho niho ukuri kuzoja ahabona,nayubundi bitaruko ntakuri kuzigera guseruka hano muburundi. Tunasaba kandi abanye poritike batahunze dufatanije hamwe bakurikiranire hafi iyimisore iriko irafatwa isazwe kumihana inacumitwa imbugita zomumbavu, abandi bakubitwa amaferameto, abandi bagafungirwa mumakontinere, abadafungiwe mumakontinere bagatorwa ibiziga bakerewe amazosi.Mugiriceranyo cavyo bishikirizwe amakungu, nabariko baratumara. bitebe bitebuke imisi yabo irikwirapunguka,urubanza rwabo ruzoteba rutore inzira.

  • Reta nti shobora kwemera yuko yakoze amabi ndengera butungane,ahubwo nihaze abahinga babinonosoye mpuzamakungu,batohoze amabi yakorewe abenigihugu.Aho niho ukuri kuzoja ahabona,nayubundi bitaruko ntakuri kuzigera guseruka hano muburundi. Tunasaba kandi abanye poritike batahunze dufatanije hamwe bakurikiranire hafi iyimisore iriko irafatwa isazwe kumihana inacumitwa imbugita zomumbavu, abandi bakubitwa amaferameto, abandi bagafungirwa mumakontinere, abadafungiwe mumakontinere bagatorwa ibiziga bakerewe amazosi.Mugiriceranyo cavyo bishikirizwe amakungu, nabariko baratumara. bitebe bitebuke imisi yabo irikwirapunguka,urubanza rwabo ruzoteba rutore inzira.

  • wahanura mutama nuko uhanura intumva!

  • NKURUNZIZA BEMEZE ABOBARUGEREKA KUKO WATOWE NIMANA NABANYAGIHUGU KOMERA INKONA NTIYARUZWA

  • Mbega Nkurinziza yumva ivyo bamubarira ahubwo vyijira mu gutwi kumwe bigaca mukundi ibirumutwe wiwe nu rwanda wibagira y’uko ariwe wateje igihugu amagogwa

  • mubonera nkurunziza yitorewe nabene gihugu museveni nakagame we ko mutagoryora turazi ko amerika muhengamye niba ramatohoza mushaka tohoza kuvyabaye kuva uburundi bwikukiye mureke guteranyabarundi ntamwana nikinono nimwe mutuma ivyamoko bigaruka muburundi kuko mukunda bamwe mukanka bandi abobantu mwifuza ko basubira kubutegetsi nibo bashubije igihugu inyuma mugukamisha abene gihugu hako baronderera mubutunzi bwihugu bakabwemerera mwebw ntibugire ico bumarira umwene gihugu rero muburundi miriyoni 9 turatekereje mugabo mubajwe nabagumutsi bivumbuye batarenze ibihumbi75 nabonyene benshi nabahenzwe tusazi ko mubishoboye banza mutere amabombe mutumare twebe miriyoni9 mubone kuzana abo mwifuza batware ndaziko nimutumvikanisha abarundi ngabivumbuye baze twubake ikiringo ntibakoreko hazopfabarundi basumba bapfuye murwanda niba muhanura hanura abivumbuye bemere ikiringo amatora yandi ni 2O2O bibone gutungana nahandi nfatakibanza ntishoboka

  • hemwe burya amavoka n’impeke biraryoha.

  • Imana Kuko Izi Ibibavyose Izodutabara.Nimana Niyo Yinika,niyoitangaikongera ikaganza nimureke Abe arabaho.Imana nishimweame

  • Vyamaze kubacanga NKURUNZIZA atanguye kwigarama abiwe nawenyen atisizinyuma.Ariko twihangane gato Nkurunziza n’abamuyoboka bagiye kudukinira umukino udasanzwe.mukirundi baraca umugani ngo igisiga c’urwara rurerure citoboye inda.inkona ivyara birebire vyayo bigiye kuyikorako.

  • Igihe bica abantu ku nabarabara canke ba babikira bo mu kamenge no bo bita ngw’uni? Abamenja

  • Inkona ntiwaruzwa Kirazira Watowe Nimana N,Abanyagihugu

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.