IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Yvan Muziki > Benshi bashaka kumenya umukobwa ari mu masanamu y’ururirimbo rwa Yvan (...)

Benshi bashaka kumenya umukobwa ari mu masanamu y’ururirimbo rwa Yvan Muzika

jeudi 22 Rusama 2014

Inyuma y’iminsi mikeyi avuye mu makungu, umuririmvyi Yvan Muzika yashitse akora ururirimbo . Amajwi yaraheze gukorwa, eka n’isanamu yaraheze, ariko hasohotse intangamarara y’amashusho (photo) azoboneka mw’isanamu.

Yvan Muzika amaze iminsi mikeyi avuye mu makungu, ntiyicaye canke aryame umukondorazosi. Vuba cane, yinjiye muri Afro Music, mu cumba gikoreramwo umuhinyayuzi Amili Pro, akorerayo ururirimbo "Nkumbuye umwiza". Inyuma yaho, yaciye agenda muri "Akaga Videos" kwa Black Arthur ahakorera isanamu y’urwo ruririmbo. Isanamu yaraheze gukorwa ariko ntishobora kuja ahabona. Hatanguye intangamarara y’amashusho meza cane, ayo mashusho arimwo umwigeme abatari bake bataramenya uwo ari we.

Uwo mwigeme tuzomumenya neza iyo sanamu imaze kuja ahabona. Mwomenya kandi ko isanamu yafatiwe amashusho mu ntara ya Bururi muri komine Rumonge.

Raba aha munsi amwe muri ayo mashusho


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.