IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Centrafrique : Umusirikare w’umurundi yagirijwe gushurashuza umwana ku (...)

Centrafrique : Umusirikare w’umurundi yagirijwe gushurashuza umwana ku nguvu

mardi 29 Ntwarante 2016, par egide

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagirije abasirikare babiri bari mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro muri Centrafrique ko bashurashuje abagore ku nguvu. Muri abo basirikare babiri, umwe ni umurundi, uwundi nawe akaba ari uwo mu gihugu ca Maroc.

Stephane Dujarric, umuvugizi wa ONU, yamenyesheje kuri uwu wa mbere ko muri abo basirikare bagirizwa ivyo vyaha, umurundi yagirizwa gufata ku nguvu umwana w’umukobwa w’imyaka 14, umusirikare wa Maroc nawe akaba yagirizwa gufata ku nguvu umugore.

Stephane Dujarric avuga ko abo basirikare babiri biyongereye ku gitigiri ca 25 bamaze kwagirizwa ico caha muri Repuburika ya Centrafrika kuva umwaka w’2016 utanguye.

Uwo avugira ONU amenyesha ko ibihugu vy’Uburundi na Maroc, aho abo basirikare baturuka, bamaze kumenyeshwa ivyo birego, agasigura ko igihugu cose gishobora kwigirira amatohozwa ku ruhande rwaco canke kikareka ONU ikaba ariyo iyakora.

Umunyamanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon yaheruka kumenyesha ko ashobora gufata ingingo yo gushobora kwirukana mu butumwa bw’ukugarukana amahoro igihugu vyogaragara ko abasirikare baco aribo baregwa cane kurusha abandi mu bijanye n’ugushurashuza abakobwa hamwe n’abagore ku nguvu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.