Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
David Beckham agiye kuba mu Bufaransa amezi 5 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > David Beckham agiye kuba mu Bufaransa amezi 5

David Beckham agiye kuba mu Bufaransa amezi 5

samedi 2 Ruhuhuma 2013

Umukinyi David Beckham aherutse gushira umukono ku masezerano yo gukinira umugwi wa Paris Saint Germain mu gihugu c’u Bufaransa ariko rero umukenyezi wiwe Victoria Beckham azoguma i Londres.

Kuba David Beckham agiye gukinira umugwi Paris Saint Germain,bigiye gutuma umukenyezi wiwe Victoria Beckham agiye kuza arashika mu gisagara ca Paris.

Umukenyezi wa Beckham akaba yashimye kuguma mu gisagara ca Londres ari kumwe n’abana babo mu gihe Beckham azoba ariko akinira mu gihugu c’u Bufaransa.

JPEG - 86.2 ko

Nk’uko David Beckham yabimenyesheje,ngo Victoria azoguma i Londres ari kumwe n’abana babo batatu,Brooklyn,Romeo,Cruz n’umukobwa wabo w’umwaka n’igice Harper.Ngo bazoguma i Londres kuko ariho biga muri kino gihe.

Umuryango wa Beckham rero uzoza urava mu gisagara ca Londres ugenda i Paris.Nk’uko umukenyezi wa Beckham Victoria yabimenyesheje abanyamakuru bo mu kinyamakuru 7sur7,ngo abana nawe baranezerewe cane kubona bagiye kuza baramara iminsi mu gihugu c’u Bufaransa kandi barashigikiye Beckham.

Inyuma rero y’aho bamariye imyaka itanu n’igice i Los Angeles mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika,umuryango wa Beckham wagiriye ikiruhuko mu gisagara ca Londres.Haraheze igihe rero abamenyeshamakuru bibaza aho Victoria Beckham azohitamwo kuba naho nyene basanzwe bafise inzu yitwa Beckingham Palace ku birometero 50 m’uburaruko bw’umugwa mukuru i Londres.

Tubamenyeshe ko umukinyi David Beckham azokinira umugwi wa Paris Saint Germain ikiringo c’amezi atanu.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.