Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ibikorwa vya EALASCA vyatanguye mu gisagara ca Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Ibikorwa vya EALASCA vyatanguye mu gisagara ca Bujumbura

Ibikorwa vya EALASCA vyatanguye mu gisagara ca Bujumbura

mardi 17 Kigarama 2013

Inkino zigira gatanu zo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko zuguruwe, aho ibihugu bigize akarere ka EAC vyahuriye i Bukumbura, mu ntumbero yo gutangura ayo mahiganwa, atandukanye, arimwo ukwinonora imitsi hamwe n’amahiganwa ndangakaranga.

Uburndi rero bukaba bwaratowe kugira abe aribwo butegura ayo mahiganwa, maze umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Edouard Nduwimana aba ariwe atorwa, icegera ciwe nawe akaba ari Juma Saidi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura. Ayo mahiganwa akaba yatanguye, nk’uko abaje guhiganwa bazungurutse amwe mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura.

Abakinyi b’imirwi itandukanye irimwo, abarundi, abanyarwanda, abanyakenya akaba aribo bariko baragenda bagana ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, ariko abo mu bihugu vya Tanzaniya n’Ubuganda bakaba batarimwo. Gushika ubu, akaba atamakuru aramenyekana ko boba baraje muri izo nkino zizobahuza n’ibindi bihugu basangiye ishirahamwe.

Muri izo nkino nk’iz’amaboko, amaguru, canke muri ivyo bikorwa bindi ndangakaranga k’igihugu cose co mu karere k’Afrika y’Ubuseruko, haba mu gutamba, n’ukuririmba biranga bura igihugu cose co mu karere k’Afrika y’Ubuseriko, bikaba bizofasha abarundi nabo, kwibonera imico ndangakaranga yo mu bindi bihugu basangiye akarere.

Tukabamenyesha ko abarundi bari benshi bariko bararaba ingene abo bashitsi barengana mu mabarabara, babaha ikaze, eka ndetse n’abo bashitsi babishura. Abanyarwanda bo basa nabahuza ururimi n’abarundi, bakaba bagenda barayaga, ubona ko umwe wese anezerewe n’ukubona mugenziwe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.