IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Judo > Ihiganwa rya Judo ririteguriwe bihagije

Ihiganwa rya Judo ririteguriwe bihagije

vendredi 3 Gitugutu 2014

Ishirahamwe ry’urukino rwa "Judo" rizohuza urwaruka rw’abakuze "Junior" mw’ihiganwa ryo ku rwego rw’igihugu. Imirwi iva mu ntara umunani iritezwe muri iryo higanwa.

Ku ncuro ya kabiri y’ihiganwa mu rukino rwa Judo ku rwego rw’igihugu, ishirahamwe rijejwe ivy’urwo rukino ryarateguye ihiganwa. Imirwi iva mu ntara za Bujumbura Mairie, Bubanza, Ngozi, Gitega, Cibitoke, Bujumbura bita "Rural" izoserukirwa n’abakinyi bagera kw’i 170. Muri abo, harimwo abazova mu mashirahamwe mashasha aheruka kuvuka mu ntara za Rutana na Makamba. Izo nkino zizoba ku munsi w’Imana igenekerezo rya 5 Gitugutu mu ntara ya Gitega.

Valery Manirakiza arongoye iryo shirahamwe arashima aho imyiteguro igeze, akavuga ko ata ngorane gushika ubu arabona. Ashima itera mbere urwo rukino rugezeko, narirya Uburundi bwatowe kuzokwakira inkino z’ihiganwa ry’igikombe ca Afrika c’abakiri bato co mu mwaka w’i 2015.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.