IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Judo > Umwigeme akina urukino rwa Judo yaronkejwe umudari wa Bronze

Umwigeme akina urukino rwa Judo yaronkejwe umudari wa Bronze

mercredi 26 Ntwarante 2014

Abakinyi b’Abarundi b’urukino rwa Judo baraye batahutse bavuye mu nkino z’urwo zahuza bimwe mu bihugu vyo k’umugabane wa Afrika. Inkino zibereye mu gihugu ca Tuniziya. Batahukanye umudari wa Bronze.

Mw’ijoro ryo kuri uwo wa kabiri w’igenekerezo rya 25 Ntwarante, abakinyi bari munsi y’imyaka 20 b’urukino rwa Judo niho baruruka indege bavuye mu gihugu ca Tuniziya aho bari bitavye amahiganwa ry’urukino rwa Judo. Abakinyi 4 abahungu 2 n’abakobwa 2 ni bo baserukiye Uburundi. Abo ni: Fabrice, Karim, Antoinette na Signoline.

Muri izo nkino zitabwe n’ibihugu nka Egiputa, Gabon, Maroc, Zambiya, Tuniziya n’ibindi, Uburundi bwaratewe iteka ryo kuronka ku ncuro ya mbere umudari wa Bronze. Uwo mudari warondewe n’umwigeme Kanyamuneza Signoline.

Uburundi rero bwaciye buronka ikibanza c’i 10 mu bihugu cumi na bitatu vyagiriwe amahigwe yo gutorwa.

Nguku uko vyagiye birushanya:


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.