IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Rally Joe > inkuru > Ikiganiro IGIHE yagiranye n’umuririmvyi Rally Joe

Ikiganiro IGIHE yagiranye n’umuririmvyi Rally Joe

dimanche 27 Nzero 2013

Umuririmvyi Rally Joe aramaze kuririmba indirimbo zitari nke kandi zakunzwe n’abantu benshi. Aririmba indirimbo zo mumudiho wa RNB.

None uwo muririmvyi ninde, yavutse ryari, akora gute, afise intumbero iyihe.

JPEG - 88.3 ko
Rally Joe n’abamenyeshamakuru ba IGIHE

Kugirango tumenye vyinshi kuri we, twagiranye ikiganiro.

IGIHE: Turaguhaye Mwiriwe!

Rally Joe: Mwiriwe.

IGIHE: Wotubarira Rally Joe uwo ari we muri make?

Rally Joe: Egome.Izina ryanje abavyeyi banyise ni Niyinzi Joe Rally.Navukiye mu Kinama, mu gisagara ca Bujumbura,muri quartier Muyinga, ibarabara ry’8.Nkaba ndi uw’3 mu bana 8 tuvukana.

IGIHE: Mbega woba watanguye kuririmba ryari?

Rally Joe: Kuririmba novuga ko ari urugendo natanguye kera.Natanguye kuririmba ndi umwana muto cane,ngenda kuraba aho umuhisi Christophe Matata yaba ariko arararirimbira na rirya yaba hafi yo muhira.

IGIHE: Wotubwira muri make uko vyagenze?

Rally Joe: Mu mwaka w’2003,nari mu mugwi New Song Band.Aha niho novuga ko nari ntanguye kuririmba kuko ahandi naragenda gusubiramwo indirimbo .Muri uwo mwaka nari ntanguye kwumva ko biza.

JPEG - 11.5 ko

IGIHE: Vyahereye aho none?

Rally Joe: Oya.Ahubwo nari ntanguye kuko mu mwaka w’2004 narasohoye indirimbo yanje ya mbere yitwa Sheilla.Mu mwaka w’2005 gushika mu mwaka w’2006 nasohoye indirimbo "Reka ntahe",iyi ndirimbo nyene yahavuye iba iya mbere mw’ihiganwa Isanganiro Award mu mwaka w’2011.

Mu mwaka w’2006,mu mpera,nasohoye indirimbo "Kuri ka kagezi" ndabifashijwemwo na Ireza Rene akorera mu kigo Centre Jeune Kamenge.Iyo ndirimbo nyene yahavuye iba iya mbere mw’ihiganwa Ten in One ryari ryatunganijwe n’umuririmvyi Kidum,hari mu mwaka w’2012.

Mu mwaka w’2011 narabaye uwa mbere mw’ihiganwa ryari ryatunganijwe n’iradiyo Bonesha FM, ku ndirimbo ya mbere ifise amasanamu meza.

Mu mwaka w’2007 gushika mu mwaka w’2009 naciye ninjira mu mugwi Remesha Band.Gushika mu mwaka w’2011 twari kumwe mu mugwi na Steven Sogo.

IGIHE: Abaririmvyi batumye ukunda kuririmba ni bande?

Rally joe: Ni Kidum hamwe n’umugwi w’aba Sowers.

IGIHE: Hari ibindi ukora impande yo kuririmba?

Rally Joe: Ikintu abantu benshi bangana nanje bakunda gukora ni kwiga.Jewe narahejeje.Ikindi nkora jewe,nfise impano yo gucapa,ndashobora kwandika ku vyapa n’ibindi bijanye no gucapa.Ndazi kandi gusiga amarangi.

IGIHE: None wize iki?

Rally Joe: Jewe nize informatique de telecommunication.

IGIHE: Wavyize kubera iki none?

Rally Joe: Navyize kubera nabikunda ariko ubu ntavyo nkoramwo cane.

IGIHE: Urafise umukenyezi?

Rally Joe: Oya sindubaka,ariko ndafise umwana afise imyaka 2.

IGIHE: Mbega wotubwira nyina w’umwana ingene yitwa?

Rally Joe:Oooh! reka nzomubabwira hanyuma umusi tuzoba tubana.

IGIHE: Nikuvuga ko mutabana nanyina w’umwana?

Rally Joel: Ego ntitubana, aracari umunyeshuri.

IGIHE: Mbega umaze gusohora indirimbo zingahe?

Rally Joe: (Aca atwenga)Yooo.Ndamaze gusohora indirimbo zitari nke.Ubu ndafise izishika 18 ziwanje ariko hariho izindi zitarasohoka.

IGIHE: Haraheze iminsi muronse agashimwe ka Primusic. Mbega mwakakiriye gute?

Rally Joe: Ubwa mbere noshimira Imana kubona naragatsindiye.Noshimira kandi abakunzi banje kuba barantoye biciye ku materefone ngendanwa.Nakakiriye neza cane.

IGIHE: Mbega iryo higanwa mwaribonye gute?

Rally Joe: Ntivyari vyoroshe muri Primusic kuko guhiganwa n’abantu 120 ukabatsinda biragoye.Hariho mbere abaciye bavamwo hakiri kare.

IGIHE: None ako gashimwe baguhaye kangana namafranga anagahe y’amarundi?

Rally Joel:Angana na 10 000 000fbu.

JPEG - 19.7 ko

IGIHE: Muri kazoza ufise imigambi iyihe cane cane mu muziki?

Rally Joe: Imigambi ni myinshi.Ndategekanya gukorana indirimbo n’umuririmvyi Kanibal wo mu gihugu ca Kenya,ndategekanya kandi gukorana indirimbo n’umuririmvyi wo mu gihugu c’u Rwanda,uwo nzobona tuvyumvikanyeko.

Ica nyuma,ntegekanya gusohora urukurikirane rw’indirimbo(Album) izoba irimwo indirimbo mumaze kwumva n’izindi zishasha.

IGIHE: Nimba atari ibanga mwotubwira uko iyo Album izoba yitwa?

Rally Joe: Oya ni agaseke gafundikiye ariko nzogafundurura vuba.

IGIHE: Mu minsi iheze waragiye muri Kenya,wari wagiye gukora iki?

Rally Joe: Nafasha umuririmvyi Kidum mu makalaoke,ariko narakoranye indirimbo n’umuririmvyikazi Sanah wo mu gihugu ca Kenya.Iyo ndirimbo yitwa "Si urisema".

JPEG - 16.2 ko

IGIHE: Mu kurangiza indirimbo mu ndirimbo zawe wotura abasoma ikinyamakuru IGIHE ni iyihe?

Rally Joe: Ni indirimbo yitwa Isango.

IGIHE: Turagushimiye kuba witavye ikinyamakuru IGIHE,twizere ko nitwagutumira ikindi gihe uzotwitaba ?

Rally Joe: Nta ngorane nfise umwanya wose nzobitaba.

IGIHE: Urakoze.

Rally Joe: Mwakoze namwe.

MP3 - 7.7 Mo

Mugisha Van Naris

Portfolio

Messages

  • Uwomuririmvyi Ndamukunda Kandi Arashoboye.Nivyiza Natwe Turinyuma Naho Intwaroy’Igihugu C’uburundi Yatwirukanye Mgihugucacu Tuzagruka Mung’akipenda.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.