IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Bonfils Nikiza > Inkuru > Ikiganiro n’umuririmvyi Bonfils Nikiza

Ikiganiro n’umuririmvyi Bonfils Nikiza

mercredi 4 Nyakanga 2013

Bonfils Nikiza ni umuririmvyi w’umurundi aririmba indirimbo zo guhimbaza Imana. Uwo muririmvyi asanzwe aba mu gihugu ca Israël ari hano mu gihugu ciwe c’Uburundi. Bonfils akaba yarahaye ikiganiro ikinyamakuru canyu « IGIHE » mu tumbero zo kumenya uwo ari we Bonfils Nikiza, ibikorwa vyiwe n’imigambi yiwe.

JPEG - 58.8 ko
Bonfils Nikiza

IGIHE : Bonfils , turakuramukije. Murakomeye ?

Bonfils : Ego n’amahoro .

IGIHE : Bonfils Nikiza ni umuririmvyi w’umurundi yatanguye kuririmba ryari ?

Bonfils : Natanguye kuririmba nkiri mutoyi aho nari mfise imyaka 5. Natanguye ndirimba muri korare y’ishure ryo k’umunsi w’Imana (Sunday School) mw’ishengero rya Pentecote mu Kamenge. Mu nyuma maze gukura mu mwaka wa 2000 ntangura kuririmba mu murwi witwa Worship Team, hama mu 2003 gushika 2006 nja mu gihugu ca Kenya aho naciye nkomeza kuririmba mu mirwi itandukanye ariko munyuma nca mfata intumbero yo kuririmba jenyene.

IGIHE : N’abahe baririmvyi boba baratumye ukunda kuririmba ?

Bonfils : Abankundishije kuririmba hariho Appolinaire mbere na Don Moen.

IGIHE : Hari iyindi bikorwa woba ukora hampande yo kuririmba ?

Bonfils : Ego cane. Mu gihugu ca Israël nkora mubijanye n’ubukererugendo (Tourisme).

IGIHE : Bonfils yoba yakurikiranye amashure yerekeye iki, hehe ?

Bonfils : Nize mw’ishure ryisumbuye rya Centre Scolaire Congolais mu gisata c’ubushakashatsi (scientifique B) hama muri kaminuza nca niga Business Management.

IGIHE : Woba wubatse urwawe?

Bonfils : Oya ndacari umusore.

IGIHE : Kuva mutanguye kuririmba mugeze ku ndirimbo zingahe ?

Bonfils : Ubu mfise indirimbo zirenga ijana

IGIHE : Umaze imyaka ingahe mukora umwuga wo kuririmba ?

Bonfils : Imyaka ibaye 12 ndirimba ku giti canje.

JPEG - 47.7 ko
Bonfils Nikiza

IGIHE : Ukwezi kuraheze uri mu gihugu c’Uburundi, mavukoro yawe, hoba hari igikorwa kijanye no kuririmba woba uje kurangura? Namba gihari woba urakirangura?

Bonfils : Naje kuramutsa incuti n’abavukanyi hamwe no kumenyekanisha indirimbo zanje hano i wacu mbere no muri Afrika kuko ndafise ibiteramo vyinshi ngomba kwitaba mu kiringo c’amezi atatu nzomara muri Afrika.

IGIHE : Umuziki w’Uburundi mwawusanze gute ugereranije n’uko mwawusize ? Mwabonye hari ivyahindutse ?

Bonfils: Umuziki w’Uburundi warateye imbere muri rusangi. Abaririmvyi barabaye benshi kandi basigaye ari abahinga. Ubu mbere hasigaye hari amazu uhinyanyura umuziki mu buryo bugezweho n’ibindi vyinshi ntari bwa bone hano i wacu.

IGIHE : Mwibaza ko musigaje imyaka ingahe mukora umuziki ?

Bonfils : Igihe cose nzoba nkibishobojwe n’Imana sinzoreka gusingiza izina ryayo no kuyimenyesha abatarayimenya.

IGIHE : Muri uku kwezi mumaze mu Burundi, muri Afrika, Ni ibihe bikorwa mumze kurangura?

Bonfils : Mperuka muri Kenya aho nakoranye na Kidumu indirimbo yitwa” Mbingu na Duniya” nakoze. Kandi n’amasanamu y’indirimbo zibiri zanje. Aya nayo akazoba yabonetse muri iyi minsi yavuba.

IGIHE: Ni mu bihugu ibihe mufisemo ibiteramo imbere yo gusubira mw’Israël?

Bonfils : Ndifuza gukora igiteramo gikomeye hano mu Burundi. Ndafise n’ibiteramo muri Nigéria, Togo, Côte d’Ivoire no muri Afrika y’Epfo.

IGIHE : Mukurangiza, ni iyihe ndirimbo mwotura ikinyamakuru “IGIHE” n’abakunzi baco ?

Bonfils : Ndabatuye indirimbo yitwa “Imwe Rudende”.

IGIHE : Turabashimiye kuba mwatwitavye. Twizeye ko nitwasubira kubahamagara muzotwitaba?

Bonfils: Na jewe ndabashimiye cane kandi mboneyeko akanya ko kuramutsa abarundi bose

IGIHE : Murakoze. Imana ibafashe muri vyose ivyo mutegekanije gukora.

Bonfils : Ego namwe ibafashe.

JPEG - 68.8 ko
Bonfils Nikiza

SENGUREBE Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.