Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inegurwa ry’ibibanza vy’inkino mu gihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Inegurwa ry’ibibanza vy’inkino mu gihugu

Inegurwa ry’ibibanza vy’inkino mu gihugu

mercredi 16 Nzero 2013

Kubw’abategura ibikino vy ‘imico kama n’akaranga n’abarorerezi, ngo birakwiye ko igihugu, igisagara canke akarere biba bifise ikibanza ciza c’ukurorereramwo imico n’akaranga. abo twaganiriye twasanze bahuje natwe kub’ ibibanza vy’ukurorereramwo utugenegene hano mugisagara ca bujumbura bidakwije ibisabwa kugirango vyakire abarorerezi benshi.

Rose kamano umukunzi w’utugenegene ashima avuga ati « iciza nyamukuru n’uko ibibanza vy’ukurorereramwo utugenegene biri ahantu horoshe gushika nk’akarorero Musee vivant, institut francaise de bujumbura , INGORO Y’IMICO KAMA « palais des arts » n’ahandi, ni ibibanza biri ahantu ama Bus ashobora gushikamwo » ariko akanegura ko ivyo bibanza vyaga. Ati « ndabahaye akarorero igihe haba concert ya lion’s story kuri institut francais du burundi abari baguze ama tiquets vyaranse ko bakwirwa mur’ico kibanza bose ».

Arongera ati palais des arts na musée vivant ntibikwiye. Kuko inzu ziberamwo ibikino zari zikwiye kuba zitunganijwe kuburyo abari inyuma bashobora kubona imbere neza ataruko abantu baza barahindana bigatuma hoba amasanganya menshi.
abaja kurorera ibikino bari bakwiye kujayo bafatira ku kuntu inzu ziberamwo inkino zitunganijwe.

Uwundi twaganiriye yamenyesheje ko hariho abaja kurorera ibikino badafatiye kukuntu ivyo bibanza bimeze yongera ati ahantu abakinyi bahagarara bariko barakina ntihabaha umwidegemvyo ubatuma bahimbara abarorerezi kubwiwe mukwirinda ukwo kwaga kw’ivyo bibanza usanga abajejwe gutegura ivyo bikino baniganira ibibanza vyo hanze hatanubatse. Ivyo bibanza usanga vyubatswe ihutihuti ugasanga rimwe ntihabona neza ahandi amajwi ntasohoke neza ahandi imvura ugasanga yononye ibirori.

JPEG - 36.3 ko

Abo twaganiriye batubwiye ko ibikino bifasha mugutsimbataza amahoro muguhimiriza no kumenyesha abanyagihugu kubibazo biba biri mugihugu n’ibindi harakwiye rero ibibanza vyiza vyoberamwo ivyo bikino.Bati :«abarundi bariyubakiye ibibuga ,amashure n’ibindi,kuki batokwiyubakira n’ibibanza ndangakaranga vy’akarorero ?» bisaba ko bose batahura iciza c’ivyo bikorwa n’inyungu vyozanira igihugu.


Sylvère Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.