Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingingo ya 92 mu gisata c’inkino, basaba ko yoja mu ngiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Ingingo ya 92 mu gisata c’inkino, basaba ko yoja mu ngiro

Ingingo ya 92 mu gisata c’inkino, basaba ko yoja mu ngiro

jeudi 31 Gitugutu 2013

Ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama, hamwe n’umurwi w’inkino ujejwe ivyo inkino (CNO) ufashijemwo n’ishirahamwe Right to play barakoresheje uruganda rwerekeye ahanini kurwiza ubushobozi, ku barongozi bajejwe inkino hamwe n’uburongozi bwo hasi.

Ku magenekerezo ya 29 na 30 Gitugutu, harateguwe uruganda rwo kwongereza ubushobozi ku barongozi b’ibijanye n’inkino. Muri urwo ruganda, hari hatumiwemwo abarongoye abandi bo mu mashirahamwe y’inkino ya hano mu burundi, abahanuzi b’imibano n’inkino bo mu ntara zose, abarongoye ubushikiranganji, abarongoye umurwi w’igihugu ujejwe inkino CNO, abarongoye ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’inkino, hamwe n’abarongozi bo mu bushikiranganji bw’inkino.

Icivugo c’urwo ruganda rukaba ari "Dukorere hamwe twese mu ntumbero y’uko inkino mu Burundi zotera imbere". Ibikorwa vy’urwo ruganda vyuguruwe n’amajambo abiri, irya mbere rikaba ryari iry’umukuru w’umurwi w’igihugu ujejwe inkino CNO hamwe n’ubushikiranganji bw’inkino n’imico kama. Mu gihe yafata ijambo ubwa mbere, umukuru w’umurwi CNO yabanje gushimira abiyumviriye urwo ruganda, kuko bica bituma bahanahana ivyiyumviro hamwe no kwibutsanya ihangiro rya CNO, mu gihe bategura amahiganwa akomeye. Aha twovuga inkino zizobera Nanjing mu kwezi kwa Myandagaro 2014, hamwe n’inkino i Rio mu mwaka wa 2016.

Yongeye aramenyesha ko urwo ruganda rusanzwe rujanye amabwirizwa agenga inkino (charte olympique) rijanye n’inkino bafatanije na cane cane n’inkino hamwe n’amaleta. Imbere yo kurangiza ijambo ryiwe, yaciye ashira ahabona imigambi ine, iyo nayo ni nayo iri mu ntumbero yo gushira mu ngiro ihangiro bihaye, iyo migambi ikaba izoshigikirwa mu buryo n’umurwi mpuzamakungu w’inkino CNI. Inyuma y’iryo jambo umushikiranganji w’inkino n’imicokama, yaciye yugurura icese ibikorwa vy’urwo ruganda.

Mw’ijambo ryiwe, yamenyesheje ko bateguye urwo ruganda rwo guhurira hamwe mu kwiyumvira no guhanahana ivyiyumviro kuko ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama bufise intumbero yo gusangira n’abari aho bose intumbero imwe yo gukorera abanyagihugu. Abari bitavye urwo ruganda baciye basaba ko hobaho ugukorana hagati y’abo biraba bose mu nkino, mu gihe cose hazoba hariko haragirwa impinduka, ko hobaho umugambi w’igihugu ujaye n’inkino. ko boshira mu ngiro ingingo ya 92 y’itegeko ijanye n’amafranga atangwa n’abasanzwe bafasha.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.