Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intamba mu rugamba mu rukino rwo gusubiriza muri kenya - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Intamba mu rugamba mu rukino rwo gusubiriza muri kenya

Intamba mu rugamba mu rukino rwo gusubiriza muri kenya

jeudi 3 Nzero 2013

Umurwi nserukiragihugu w’umupira w’amaguru Intamba mu rugamba w’abakinyi bakinira mu mirwi yo mu gihugu warafashe indege kuri uno wa gatatu uja mu gihugu ca Kenya mu rukino rwo gusubiriza inyuma y’urukino rwabereye IBujumbura ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Mu mpera z’indwi iheze nta nkino zo mu ciciro cambere zabaye haba mu gihugu hagati canke IBujumbura.Imvo nyamukuru akaba ari uko umurwi nserukiragihugu w’abakinyi bakinira mu mirwi yo mu gihugu bari mu myimenyerezo yo kwitegurira urukino rwo gusubiza ruzobera I Naïrobi mu gihugu ca Kenya ukaba uzotana mu mitwe n’umurwi Harambe Stars w’igihugu ca Kenya kuri uno w’Imana itariki 6 nzero 2013.

Nassim Lotfi umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu akaba yamenyeshejeko abakinyi biwe bameze neza kandi ko biteguye neza guhangana n’umurwi Harambe Stars kuko ivyangombwa vyose biriho.

Twobibutsa ko m’urukino rwa mbere rwabereye IBujumbura ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba watahukanye amanota atatu utsinze umurwi Harambe Stars igitsindo kimwe k’ubusa,igitsindo cinjijwe n’umukinyi Christophe Nduwarugira batazira Lucio.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.