IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fortrand Bigirimana > Inyuma y’ivyiza vyinshi avuga ko Imana yamukoreye yateguye igiteramo co (...)

Inyuma y’ivyiza vyinshi avuga ko Imana yamukoreye yateguye igiteramo co gushima

mardi 19 Myandagaro 2014

Umuririmvyi Fortran Bigirimana ariko arategura igiteramo c’agakura, kibaye ica mbere inyuma y’ibikorwa vyinshi birimwo ingendo mu karere no mu makungu yahoramwo, eka n’urubanza rw’ubugeni bwiwe. Ashaka afate akanya ko gushimira Imana kuvyo yamukoreye.

JPEG - 1.7 Mo
Fortran n’umufasha wiwe Sophia Derain

Igiteramo yitiriye "Mumfashe Dushime" (umutwe wa rumwe mu ndirimbo ziwe), kiriko gitegurwa n’umuririmvyi Fortran. Kibaye ica mbere inyuma y’ibikorwa vyinshi vyiza uwo muririmvyi yari amazemwo igihe. Ico giteramo avuga ko ari ico gushima Imana kije inyuma y’urubanza bw’ubugeni aherutse kugira n’umufasha wiwe Sophia Derain aturuka mu gihugu c’Ubufaransa. Ku mugoroba w’ibisabisho no gutazira Imana, azofashanya n’umurwi wiwe "The Worshippers" kizobera ahahoze hitwa "Odeon Palace" ubu hitwa "Christian Life Ministries", kw’igenekerezo rya 24 Myandagaro.

Fortran ati : "Imana ni nkuru, nico gituma dutegerezwa kuyishima". Ntazotamba yirorera, imirwi y’abaririmvyi nka Fabrice, umurwi One Nation, Appolinaire na Redemption Voice bazoba bariko baramushigikira. Kwinjira ni amahera 5000 y’amarundi mu bibanza vyo hasi, n’ibihumbi 10 hejuru.

Umviriza wongere urabe ururirimbo "Mumfashe Dushime" yitiriye igiteramo ciwe


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.