IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Steven Sogo > Inkuru > Isabukuru The Nil Project yabaye ntibagirwa mu buzima bwa Sogo

Isabukuru The Nil Project yabaye ntibagirwa mu buzima bwa Sogo

mardi 18 Ntwarante 2014

Umuririmvyi Steven Sogo aho yaheruka mw’isabuku ryahuza ibihugu bihurira ku ruzi Nile, yarahakuye ubumenyi butari, eka yarahungukiye vyinshi avugako atari bwaronke kuva yakagenda mu makungu haba mu masabukuru canke mu biteramo, yamazeyo amazi 2.

Inyuma yo kugaruka i Burundi kw’igenekerezo rya 13 Ntwarante avuye guserukira Uburundi mw’isabukuru The Nil Project ryahuza ibihugu bihurira ku ruzi Nil, Sogo yarahakuye ibitari bike.

None vyagenze gute? Isabukuru ryitiriwe uruzi Nil "The Nil Project" ryahuza abaririmvyi bava mu bihugu nka Sudani, Uburundi, Urwanda, Kenya, Uganda, Etiyopiya, na Egiputa, bakoresha ibicurarangisho n’imidiho kavukire, vyo ku muzi. Umuririmvyi atowe muri iryo sabukuru yagenda yitwariye indirimbo 3 n’ibicurarangisho asanzwe akoresha. Muri izo ndirimbo batoramwo rumwe baca bigira hamwe n’abandi.

Kuri urwo rugero , umuririmvyi Steven Sogo yatwaye indirimbo nka "Kwa Nyogokuru" n’iyindi nshasha atari bwaheze no gukora yise "biwelewele" ari nayo yaciye itorwa maze ikabica bigacika muri iryo sabukuru. Ibicurarangisho yari yatwaye "indonongo, umuduri, n’igitari bita "basse".

Nk’uko mu kiganiro yagiranye n’inkinyamakuru IGIHE, wewe yarafise akabirya kuko hari bamwe mu bo bari kumwe atabicurarangisho ndangakaranga bari bazanye, abari babizanye nabo wasanga bafise kimwe, ariko wewe vyari 3. Ndetse n’ivyo, isabukuru yakorwa mu ruririmi rw’icongereza, wewe araheha ariko mugenzi we yari yavuye mu Rwanda urwo rurimi ntiyarwumva cane vyaca bisabako Sogo amusigurira.

Ururirimbo "Biwelewele"rwahavuye rugirira ibitangza Stven Sogo kuko rwarakunzwe bimwe atari bwigere abona kuva yo kagenda mu biteramo haba mu makungu canke hano hagati mu gihugu. Ivyo bitangaro vy’uvyo ruririmbo vyatanguye kubera mu gihugu c’Ubuganda, muri Kenya ikomeza gukundwa, ishitse muri Etiyopiya hoho birarenga, mu gihugu ca Egiputa hoho vyabaye ibitangaro kuri Sogo. ’Biwelewele’ yaciye iba nk’ururirimbo rw’isabukuru. Rwaravugijwe mu maradiyo yose no ku mboneshakure, gushika naho Sogo atumwako ku mboneshakure mpuzamakungu MBC aja kuririmba "Live"urwo rurimbo, eka n’insamirizi y’Abafaransa France 24 yaramugirishije ikiganiro.

Ivyo yabonye muri iyo sabukuru avugako atavyo amaso yiwe yari bwamwereke, ari na vyo bimuha icizere co gushobora kuja mu gihugu ca Reta zunze Ubumwe z’Amerika mu mwaka w’i 2015 mw’isabukuru rya "The Nil Project" rizomara amezi 4.

Mu kurangiza Sogo atubwira ko urwo ruririmbo "Biwelewele" rugiye gutegurwa neza hanyuma ruje mu rukwirikira rwiwe rya 4 yise "Mbali sana"

Raba aha munsi ingene ibirori vyari vyaryoshe ku ruririmbo "biwelewele"


Chérif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.