IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Shazi Harera > Isabukuru ya mbere mu ntara ya Gitega

Isabukuru ya mbere mu ntara ya Gitega

mardi 3 Kigarama 2013

Hariko hategurwa isabukuru y’akamarampaka mu ntara ya Gitega, iri hagati na hagati mu gihugu c’Uburuundi. Isabukuru”Gitega Peace Festival”, ibaye i ya mbere kuva iyo ntara ironse iryo zina.

Umurwi “Vumera Band” urongowe n’umuririmvyi Harerimana Shazi kool hamwe na Schaddie Mugisha, bariko baregeranye integuro y’isabuku bise”Gitega Peace Festival”, iyo izoba ari iya mbere muri iyo ntara. ”Gitega Peace Festival” yateguwe ku bw’abanyagitega no ku bw’abarundi bose, cane cane urwaruka.

None ibirori bizoba bimeze gute?

Ibirori bizoba ari ku magenekerezo ya 27 na 28 Kigarama 2013, bizobera ku kibuga gikuru co mu gisagara ca Gitega. Bizoba bigizwe n’imirwi ndangakaranga hanini yo muri iyo ntara hamwe n’abandi batumire bazova mu zindi ntara. Abamaze kumenyekana canke boba bikekwa kuzoba bahari kuryosha ibirori, ni imirwi ya “Bebere, umurwi w’abakinyi b’igikino “ni nde”, umurwi w’abatimbo bakamiritse bo mu gishora, n’ab’i Higiro. Hari n’abandi bazova mu gisagara ca Bujumbura tuzoza turabamenyesha.

Kuri iyo minsi, si indirimbo n’intambo gusa, hazoba amahiganwa y’abigeme bazotambuka birebanga bimwe bita mu rurimi rw’igifaransa”Defile de Mode”. Rizohuza abigeme bava mu ntara ya Gitega, n’abandi bazoba bavuye i Bujumbura. Si ugutambuka gusa, abadandaza bavyipfuza bose canke abakeneye kumenyekanisha ivyo bakora, barahawe ikaze kuko hazoba hariho ibibanza vyo kudandarizamwo no kumenyekanisha. Hazoba tombola, ibifungurwa n’ibinyobwa bizoba vyuzuye.

”Gitega Peace Festival” izotangura igihe c’isaha zitatu z’igitondo (9h00) gushika isaha zitatu z’ijoro kuri arya magenekerezo.

Ishirwa mu ngiro ry’iyo sabukuru ya mbere (1ere Edition) ririko rifashwa na Groupe Ladak, Agence Umuringa, Radiyo humuriza iri mu ntara ya Gitega isamirana mu ntara 8 z’igihugu, Burundi Brewery, n’abandi bariko baterera mu buryo ubu canke buriya. Ibijanye na ”Gitega Peace Festival” tuzobandanya tubibamenyesha.


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.