IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Aline Vyuka > Iyo aba muri Amerika yipfuza gufasha impfuvyi aciye mu muziki (...)

Iyo aba muri Amerika yipfuza gufasha impfuvyi aciye mu muziki wiwe

vendredi 21 Ntwarante 2014

Umurundikazi aba mu gihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika yatanguje umugambi mwiza wo gufasha abana b’impfuvyi b’Abarundi. Imfashanyo ya mbere izova mu giteramo azogirisha ari kumwe n’abandi baririmvyi bo mu karere Uburundi burimwo ariko baba muri Amerika.

Umugambi Aline Project, wavutse mu ciyumviro c’umurundikazi w’umuririmvyi aba muri Amerika. Aline Vyuka yiyumviriye k’ubuzima bw’abana b’impfuvyi b’Abarundi, Niko gutanguza uwo mugambi wo gufasha abo bana. Imfashanyo ya mbere izova mu mahera bazokwanduza mu giteramo kizoba mu mpera za Ntwarante kizokorwa na Aline Vyuka ari kumwe n’abandi baririmvyi bo muri Tanzaniya ari bo:Levy Mamuya, umuvugabutumwa Sarah Mvugi na Ruth Mwella, muri Kenya naho n’umuririmvyi Atieno Eleanor n’Abarundi Nkurunziza Clément na Bukuru Celestin.

Kuri uwo munsi w’igiteramo, hazosohoka urukwirikirane rw’indirimbo zitandukanye Aline yagiye aregeranya mu baririmvyi twababwiye. Indirimbo ziri muri urwo rukwirikirane zizoca zidandazwa ku ma "CD" imwe izogurwa amadorari 10 (10$) aha i Burundi. Niacheni mimi, Haya nayo yanamwisho, Umetufanyia nafisi, Jinsi nilivyo Bwana na Gir’ivyizigiro ni zimwe mu ndirimbo ziri muri urwo rukwirikirane. Zimwe zizodandarizwa i Bujumbura izindi muri Amerika ariko amahera azovamwo azokwegeranirizwa hamwe nayavuye mu giteramo hanyuma aje gufasha impfuvyi z’abarundi. Ivyo bishikirizwa na Aline Vyuka iyo aba mu ntara ya Dakota y’epfo.

Mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE musoma k’umurongo wa www.igihe.bi, Aline avugako gufasha abo bana ari umugambi wiwe ko kandi atako atazokora kugira icipfuzo ciwe kije mu ngiro.

Aline rero asanzwe ari umunyeshuri kandi n’umuririmvyi kuva mu mwaka w’i 2012. Kw’igenekerezo rya 10 Ntwarante yashize ahabona ururirimbo "birateye isoni" rurimwo impanuro nyinshi cane, rwumvirize aha munsi.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Ndabahaye mwiriwe hamwe NA mwakeye jewe ntuye mugihungu c’unzubumwe. Nza merika. Icodangovye kumvuga nibanduhe amahoro muburundi abarundi barihanze bafise ibikogwa vyokubaka uburundi none umwisho wintambara unziheraryari

  • None uyu si Aline tubana aha muri South Dakota? Ewe abantu bararondera kwishira hejuru kweli!!! None ko nzi neza babayeho I muhira iwabo leta ibafashisha Food Stamp, ikadi iba irimwo uduhera leta iha imiryango yinjiza amahera make ku kwezi ngo bagure ivyo kurya, ubu nawe azofashisha izo mpfuvyi iki? Ubwo buririmvyi bwo agomba gufashishamwo abandi ni ubuhe?

    Ni vyiza ariko ukuri naho kubabaza baje bareka kwishira aho badakwiriye.

  • Ndababajwe nuwo muntu arigutyoza uwo afise iciyumviro cogufasha none wew kumusetse ngo ntaburirivyi ngaho wew niki urigukora kugira ufashe abandi just gutyoza abantugusa nicogituma abarundi tutazopfa duteyimbere kwijira mubuzima bwabantu gusa tugwiza akarimi ahokugwiza ibikogwa jimbere mwana wa mama aline sinkuzi ariko ico ciyumvyiro niciza komeza mbere imana ikongere inguvu nubwenge bwokubishikaho izozose zibika zaramagi

  • PALIPO NA NIA KUNA NJIA UYO NAWE AGOMBA KUGUCAMBA NGO NUKO MUBANA MWIHOZE MBE HARUWOMENYE KO OBAMA YOBAYE RAIS WA AMERIKA DADA YANGU KAZA BUTI ABOBAGUKENGERA NABO BAZOGUPIGIRA ISARUTI.UYONAWE NOMUSABA KO INGESO NKIYO YOKUGWANYA IVYIYUMVIRO AYIHEBE

  • MUNGU SI ATHUMANI KILA JAMBO UKIAMINI LINATENDEKA NAKUPA HONGERA DADA YANGU KWA MOYO WAKO WAKUHURUMIA YATIMA KWA KWELI HAPA NILIPO MPAKA SASA NAFIKILIA WAZO LAKO KWAKWELI NAKOSA HATA LA KUSEMA MUNGU YUPO NA ATAKUWEZESHA NA WANAO KUZALAU WATASHANGAAAA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.