Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Mike Tyson ariko arwana n’urupfu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Mike Tyson ariko arwana n’urupfu

Mike Tyson ariko arwana n’urupfu

mercredi 28 Myandagaro 2013

Umukinyi rurangiranwa wa "boxe", Mike Tyson avugako ariko arwana n’urupfu. Mu kiganiro co kumbonesha kure ESPN akaba yarahishuye ku mugaragaro ingorane afise yo kunywa inzoga nyinshi ishobora guhitana ubuzima bwiwe.

JPEG - 12.5 ko
Mike Tyson

Mu kiganiro co ku mboneshakure ESPN yo muri Leta Zunzubumwe z’Amerika, Mike Tyson yaramenyesheje ko afise ingorane yo kunywa inzoga nyinshi cane. Ivyo rero akaba yiyemererako bishobora kumwica. Yivugiye, ataKurya umunwa, ati: " Ndashaka kubaho neza, nsinshaka gupfa. Ariko ndi hafi yo gupfa kuko ngwaye akaborerwe. Rimwe na rimwe ndashavura. Maze gukora ibibi vyinshi. Ndashaka kubabarirwa. Ndashaka guhinduka ngire ubuzima bwiza. Maze iminsi 6 ntanywa inzoga n’ibiyayuramutwe, kuri jewe ico n’igitangaro. Narabeshe ngo nsinkinywa inzoga ariko uyu n’umunsi wa 6 yonyene ntanywa ariko ndumva ntazosubira".

JPEG - 9.5 ko
Mike Tyson mu rukino

Mike Tyson n’umwe mu bihangange mu rukino rwa boxe kw’isi kugera ubu. Yabaye rurangiranwa kuva 1986 gushika 1990. Uwo mukinyi wa boxe (umukino wo gukubitana ibipfunsi), ku nkino 58 yakinye 50 yarazitsinze harimwo 44 muri izo yatsinze ico bita K.O (aho batsinda uwo bahanganye mu bipfunsi vya mbere). Inguvu n’ububangutsi bwa Tyson vyatumye aba rurangiranwa muri boxe. Ariko Tyson azwi kandi nk’umuntu amaze gukora amakosa atari make mu buzima bwiwe. Ubu yegereje imyaka 50 (afise imyaka 47) kandi bivurwako yegereje n’ugupfa.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.