IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Mkombozi > indirimbo > Mkombozi:’’Iyaba hari amacakubiri ntihosigaye Eduard hagahunga (...)

Mkombozi:’’Iyaba hari amacakubiri ntihosigaye Eduard hagahunga Rufyikiri’’

mardi 30 Ruheshi 2015

Ubutumwa buri mu ndirimbo ya mkombozi yitwa Mucezo wa Ndani, avuga ko atamoko ari mu Burundi, ati :’’Twarabahinyuye, amoko n’umutahe wanyu twarahinyuye, ntabihari kuko dusangiye vyose.

Amajambo yavuze muri iyo ndirimbo asohoye ari mu buhungiro agira ati :’’Hari igihe mutandukanya amoko kandi atarivyo, iyaba mu Burundi hari amacakubiri ntihosigaye Eduard hagahunga Rufyikiri. Ntamacakubiri mu Burundi ni mucezo wa ndani’’. Abarundi turi maso twarabahinyuye, amoko ni icitwazo c’abanyeporitike.

Mkombozi kandi ntatangwa mu kwiyamiriza abitwaza ivy’amacakubiri, kandi arico cazanye impfuvyi nyishi, agatera ivyatsi abica abantu babahora ubwoko hamwe n’abagura ibirwanisho vyo gukingira abanyagihugu, nayo, arivyo bije kubamara. Arongera agahoza imiryango y’abasirikare baheruka kugwa muri Somaliya.

Uyo muririmvyi nyene , aheraheza agereranya izina ryiwe nka hamwe n’uwundi muntu yise Gahini, tukaba tubemereye kumurondera kugira adusigurire neza ico yashatse kuvuga.

Tubibutse ko Mkombozi ari umwe mu baririmvyi biyamirije bivuye inyuma ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, abicishije mu ndirimbo ziwe nacane cane nkiyitwa PAPA NZEYIMANA,URUDUBI, Hasta la victoria simple, n’izindi. Ubu rero mkombombozi abandanya akorera ibikorwa vyiwe aho ari mu buhungiro.

Kurikira indirimbo Mucezo wa ndani


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.